Accueil > Amakuru > EALA: Margaret Nantongo Zziwa agiye kwitura ubutungane
EALA: Margaret Nantongo Zziwa agiye kwitura ubutungane
lundi 29 Kigarama 2014
Ababuranira Margaret Nantongo Zziwa aherutse kubogozwa mu mabanga yo kurongora Inama shingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EALA), bamenyesheje ko bagiye kwitwarira muri sentare, basaba ko hahagarikwa uwamusubiriye muri ayo mabanga ndetse hagatangwa n’amande yo kumushumubusha angana n’imiliyoni imwe y’amadolari.
Umwe mu baburanira Margaret Nantongo Zziwa, Jet Tumwebaze akomoka mu Buganda yabwiye ikinyamakuru ’’The Observer’’ kw’igenekerezo rya 22 kigarama 2014 ko Margaret Zziwa, agiye kwitura sentare y’Umuryanngo wa Afrika y’ubuseruko kugira ngo ihindure ingingo yagena Daniel Kidega mu mabanga yo kurongora EALA kuko hatakurikijwe amategeko.
Jet Tumwebaze agira ati:’’Tugiye gusaba ko Daniel Kidega yagenwe k’ubuyobozi bwa EALA yohagarikwa muri ayo mabanga, kugira umupfasoni Margaret Nantongo Zziwa yaraherutse kubogozwa bitemewe n’amategeko asubizwa ku buyobozi”
Bamenyesha kandi ko bagiye no gusaba indishi kuko, ababogoje uyo mupfasoni baramutesheje agaciro, aho bagasaba i miriyoni imwe y’amadorari ya Amerika.
Mu kamenya ko Inama shingamateka yo mu muryango w’afrika y’ubuseruko izokorana mu kwezi kwa kabiri 2015 kugira bige ico kibazo. Daniel Kidega akaba yagenwa mu mabanga yo kurongora umuryango wa EALA igenerekerezo rya 19 Kigarama 2014.
Alida SABITEKA
Messages
30 Kigarama 2014, 15:27, par nwari
@igihe ntamakuru mashasha mufise izifoto zitangura ahamusi nanditse zimaze imisi myishi ntivyuvikana pfuma muzikura