Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ekeleziya katolika iratewe amakenga n’igwirirana ry’abantu mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ekeleziya katolika iratewe amakenga n’igwirirana ry’abantu mu (...)

Ekeleziya katolika iratewe amakenga n’igwirirana ry’abantu mu Burundi

dimanche 30 Kigarama 2012

Ekeleziya katolika yashize ahabona itangazo ryasomewe mu masengero yose kuri uyu wa mungu italike 30 Kigarama 2012 kuvyerekeye igwirirana ry’abantu. Abepisicopi basaba abakirisu kuvyara abo bashobora kurera ariko bakiyamiriza ikoreshwa ry’uburyo bwa none bwo kugabanya imvyaro.

Inama nkuru y’abepisikopi imenyesha ko ata terambere rishoboka abarundi batagabanije imvyaro. Bavuga ko iyo abantu baguma biyongera bituma imigambi yerekeye ubuvuzi, kwiga,ubutunzi n’imibano bikurikira urwo rugero, atari aho ngo nta kazoza ku gihugu.

Musenyeri Gervais Banshimiyubusa arongoye inama nkuru y’abepisikopi amenyesha ko abakirisu bategerezwa kurondoka ku rugero ariko badakoresheje uburyo bubatesha ubuntu. Avuga ko abantu bategerezwa kwiyumvira kuri kazoza k’abana bibaruka nk’uko Imana yabikoze mu kwiyumvira imbere yo kurema umuntu.

Amenyesha ko abakirisu badategerezwa gutwarwa no’ukutamenya nk’ibikoko. Ekeleziya katolika imenyesha ko idashigikiye gukoresha uburyo bwa none nko gukoresha agafuko,ibinini,akanyuzi canke ibindi mu kugabanya imvyaro kuko ngo ni ugutesha ubuntu abantu. Ahubwo ihamagarira abakirisu gukomeza ibiganiro hagati y’umugabo n’umugore kugira bafate ingingo yo kwibaruka canke kurindira.

Musenyeri Gervais Banshimiyubusa atanga akarorero ko umuntu atameze nk’igikoko kuko iyo umuntu ashaka kubuza igikoko atunze gukora ikintu kanaka abanza kugica ibihimba bimwe bimwe canke kubitesha ubushobozi. Ariko ngo umuntu yaremanywe ubwenge bwo gucagura ikibi n’iciza.

Amenyesha ko hagiye gushingwa amakomite mu madiyoseze yose kugira abakirisu bijukire gukomeza ikiganiro mu miryango hagati y’abubakanye mu kugabanya imvyaro.

kw’ifoto:Gervais Banshimiyubusa, arongoye inama y’abepisikopi katolika


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.