Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega: Abantu 13 baragandaguwe mu mezi atatu aheze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Gitega: Abantu 13 baragandaguwe mu mezi atatu aheze

Gitega: Abantu 13 baragandaguwe mu mezi atatu aheze

vendredi 30 Munyonyo 2012

Ivyo bitigiri bitangwa na rimwe mu mashirahamwe riharanira agateka ka zina muntu" Ligue Iteka". Abagirizwa cane cane n’abapolisi, abasirikare n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD.

Nk’uko icegeranyo c’iryo shirahamwe kivyerekana, abo bantu bishwe na bamwe bo mu nzego z’umutekano nkabasirikare, abapolisi hamwe na bamwe bo mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bita" Imbonerakure". Abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega iri hagati na hagati y’igihugu c’u Burundi bamenyesha ko babajwe cane n’impfu zibiri murizo cumi na zitatu zatohojwe na Ligue Iteka.

Urwa mbere n’urwabatwa babiri bo ku musozi witwa Masango uri muri komine Mutaho. Abo batwa nk’uko vyemezwa n’abanyagigihugu ngo bishwe n’urwaruka rw’imbonerakure rurongowe n’umukuru w’uwo mutumba. Kubwabo banyagihugu ngo n’ibara kubona ibintu nk’ivyo bikorwa mu gihugu kirimwo amategeko. Urundi rupfu abanyagitega bavuga ko rwababaje n’urw’umunyagihugu yaguye i ruhande y’uruzi Ruvubu. Uwo munyagihugu ngo yarashwe n’umupolisi yacucagiye amasase mu mugwi w’abantu bari bihagarariye.

Aho i Gitega nyene amabi akorwa s’ayubwicanyi yonyene n’abapfasoni n’abigeme barahohoterwa. Ico cegeranyo ca Ligue Iteka cerekana ko abigeme n’abagore bashika kw’icenda bafashwe ku nguvu muri aya mezi atatu aheze nyene.
Benshi muri abo bafise imyaka iri hagati y’imyaka icenda na mirongo ibiri n’itanu. Nka bose bafashwe ku nguvu n’abakozi bo mu nzu abandi nabo bafatirwa mu nzira bariko baja mu mirima, mu masoko canke gutemberera incuti.

Ubu mu gipolisi bivugwa ko hafunzwe abantu 5 bagirizwa ubwo bwicanyi nayo abagirizwa uko gufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme aho i Gitega ni 3. Abanyagihugu bemeza ko bibabaje kubona hafatwa abantu bake kandi ababikoze benshi bazwi bakaguma bidegemvya.

Ico cegeranyo ca Ligue Iteka kivuga ko abagirizwa canke abadomweko urutoke ataco bashimye kubivugako


Eloge W.Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.