Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hariho umugambi wo guteza imbere ubwoko bw’Abatwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Hariho umugambi wo guteza imbere ubwoko bw’Abatwa

Hariho umugambi wo guteza imbere ubwoko bw’Abatwa

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe rihuza abatwa mu Burundi UNIPROBA rimenyesha ko ryaronse amafaranga arenga imiliyoni 200 y’amarundi yo guteza imbere igisata co kungana kw’abagabo n’abagore mu bwoko bw’Abatwa.

Mu Burundi, ubwoko bw’Abatwa ntamatongo yo kurimamwo bufise, abahafise nabo ni hatoya cane bigatuma badatera mbere mu butunzi n’uburimyi kuko ata n’ibitungwa bafise bibaha umwavu.

JPEG - 12.6 ko

Batunzwe n’uguca ingero hamwe no kubumba inkono hamwe no guhiga ibikoko vyo mw’ishamba.

JPEG - 10.7 ko
JPEG - 13.5 ko

Batanguye kwiga vuba kandi n’ubu abana b’Abatwa biga baracari bake cane kuko.

Bagizwe n’igice 1 kw’ijana ku bantu barenga gato imiliyoni 8 n’igice. Iyo barenganijwe kenshi ntibaronka aho bitura kuko baratinya kandi ntibakunze kwitura n’ubutungane.
Kenshi Abatwa bubakana badakurikije amategeko kandi batiyandikishije mu bitabo vya komine. N’abana babo benshi ntibanditswe.

JPEG - 13.2 ko

Ubundi bwoko bw’Abatutsi n’Abahutu burabakumira mumibano. Barabwa nk’ubwoko atakimazi bufise. Aho hambere hahise hoho, Abatwa ntibasangira n’ubundi bwoko naho haba ari mumunza z’ubugenzi, babahera ukwabo ivyo bafungura n’ivyo banywa ariko ubu biriko birahera kubera imboneza zatanguye kuboneka muri ubwo bwoko.

JPEG - 8.6 ko

Ahenshi baba mu tuzu tw’ivyatsi dutoduto.

JPEG - 11.5 ko

Umupfasoni Liberate Nicayenzi arongoye ishirahamwe rihuza Abatwa ’’UNIPROBA’’ avugako hariho umugambi wo guteza imbere ubwoko bw’Abatwa gkugira bave muri ubwo bukene.

Uwo mugambi ngo uzomara imyaka ibiri. Ufashwe m’umugongo n’igisata ca ONU kiraba abakenyezi. Ufise intumbero yo guhimiriza abakenyezi b’Abatwa kugira bagire uruhara mu nzego zifata ingingo mu ntwaro yo hasi ku mitumba. Uzofasha kandi mu gukingira agateka k’abakenyezi b’Abatwa baba hagati mu gihugu.

Abakenyezi b’Abatwa basanzwe bahura n’ingorane zitari nke zituma badatera imbere mu bwigenge bwabo no kwitoza mu nzego zifata ingingo. Liberate Nicayenzi avuga kandi ko uburenganzira bwabo buhonyangwa cane cane mu vyerekeye politike,ubutunzi n’imibano.

Amenyesha kandi ko Abatwa muri rusangi cane cane abakenyezi basanzwe bikumira ntibaje naho bandi bantu bari. Eka mbere ngo nta n’indongozi zikaburira ubwenge abatwa ku mitumba ziriho bigatuma baguma mukutamenya amategeko n’uburenganzira bwabo.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • jewe mbona ko abatwa bikengera vyukuri barazi ubwenge uravye ibintu bakora ariko gusa ikindi gishoboka nuko Leta nayandi mashirahamwe yobafasha kuronka ivyo bafungura kuko nimba batiga ninzara iri mu bibabuza kwiga.aha nshatse kuvuga agatongo naho koba gato

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.