IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibihugu bikenye bigiye gufashwa muvy’ihinduka ry’ibihe

Ibihugu bikenye bigiye gufashwa muvy’ihinduka ry’ibihe

vendredi 8 Ndamukiza 2016, par egide

Ibanki y’isi yatanguje umugambi wo kwongereza imfashanyo gushika ku 50 kw’ijana mu mugambi wo gufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere, mu ntumbero y’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Iyo banki itegekanya gushika mu mwaka w’2020, kuba yongeye ku mahera ikoresha ku mwaka, imiriyaridi zitatu n’imiriyoni amajana atanu z’amadorare, mu ntumbero yo guha ingoga igisata c’abikorera utwabo.

Nk’uko tubikesha BBC, imwe mu ngingo z’uwo mugambi wa banki y’isi yose, n’ukwongera amasoko ntanganguvu adahumanya ikirere, mu kuronsa umuyagankuba ingo zishika imiriyoni ijana na mirongo itanu.

Ibanki y’isi yose itegekanya kandi gushora amahera muco yise "climate smart" mu burimyi ku bihugu mirongo ine, yongere kandi amahera akoreshwa mu kwunguruza abantu n’ibintu hakoresheje ubuhinga butabangamira ibidukikije.


IGIHE

Messages

  • Twebwe ayacu mube murayatubikira kuko igihe mwoyatanga agashikira mukarwi kabicanyi abasuma nabambuzi ntiboyakoresha ico mwayabahereye kiretse kuyakoresha mukutumara muzoyaduhe Ataribo bakiramutswa igihugu muzoba mukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.