Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo CNC gisaba ibimenyeshamakuru kudahengame mu gutanga amakuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ikigo CNC gisaba ibimenyeshamakuru kudahengame mu gutanga amakuru (...)

Ikigo CNC gisaba ibimenyeshamakuru kudahengame mu gutanga amakuru ashushe

dimanche 1er Ruheshi 2014

Ikigo CNC kiributsa abamenyeshamakuru kwama biyubara buri gihe, ntibarengere akarangamutima k’umwuga wabo, hamwe no kwama bibuka ko igikorwa cabo ari ico kuba umuhuza.

Ku munsi wa gatanu,igenekerezo rya 30 rusama, ikigo CNC (conseil national de la communication) carasohoye itangazo gihamagarira ibimenyeshamakuru kwirinda ico cose coza gituma barenga umurongo ku vyerekeye akarangamutima k’umwuga wo kumenyeshamakuru.

Nk’uko bivurwa na Richard Giramahoro arongoye ikigo CNC avuga ko muri ico kigo bamaze iminsi bakurikiranira hagufi ibimaze iminsi biba mu gihugu na cane cane amakuru yagiye arashikirizwa kuri Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH, kuva arengutswa muri sentare, ifungwa ryiwe mw’ibohero rya Mpimba hamwe n’ivyagiye bikorwa n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basaba irekurwa ryiwe.

Mu kigo CNC bamenyesha ko babonye ingorane mu binyamakuru bimwe bimwe aho binanirwa kudahengama mu mwuga wavyo, bakibagira ko akazi kabo ari ako ubuhuza .

Uwo arongoye ikigo CNC, Richard Giramahoro, yibutsa ibimenyeshamakuru ko ukwo inkuru yoba arinkoramutima kwose (quelle que soit le degré de sensibilité), n’uko igihe cose bobanza kubaza amategeko ico avuga mu gushikiriza iyo nkuru.

Tubibutse ko ivyo bishikirijwe n’ikigo CNC mu gihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’ibimenyeshamakuru biherutse gutanguza icese isekeza bise ‘’uwa gatanu w’urwatsi rubisi ‘’, mu ntumbero yo gusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa


KARIRE Floxella

Messages

  • Nahoorangira ngo nijewe gusambona utunenge mwitangazamakuru ryaha iwacu Burundi! Ndafise akarorero kahafi; nkumumenyeshamakuru yagiye kwibarabara kuvuza amakengeri ngoyoguharanira ko Mbonimpa ko nubwoyobafise amakoshayakoze ngoturasaba ko afungurwa atanakimwe gisabwe, none yovya mwivyobintu akongera akaja muri studio za radio agatangura kuvugango agomba atange amakuru kubarundi yukuntu ibintuvyifashe mugihugu agaheza agatangura kuvugango: Mukomeje kwumviriza radio..........isamiranira........Burundi, ngomumakuru tugomba kubagezaho harimwo nuko jewe mvuye kwiyamiriza ubutungane bwu Burundi ngokuko yafunze Mbonimpa ngokandi navuzeko nsabako bamurekura nubwo yobafise ibimwagira atanakimwe gisabwe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!?????????? Murazokurikirana ibihugu vyateyimbere muri democratie ntabamenyeshamakuru bakorankukwo, iyo democratie ikoragurtyo niyo kumurwanizi w’Imana nabantu, kukoniyokuvyura imitongano nokwankisha abenegihugu ubutungane bwigihugucabo. Ntamumenyesha makuru akorera ahabonamugihugu yifatira mugahanga reta canke abatavugarumwe na reta wewe ubahagati nahagati nicokibakizogufasha kuzurubahwa nabobantubose bavugako urumumenyeshamakuu utabogama ati icuvuze kibarukuri ntahandirero vyova ngobakwemere bidaciye mukwirinda kwifatira mugahanga uriya canke uriya, ivyo uraheza ukabihebera bababeshi binyegeje inyuma yamashirahamwe ngwandaharanira ivyicaro muri reta kandi hariho umugambwe wabatumye gushing ayomashirahamwe kugira bazoze baravugira canke bavuga ibinezereza uwomugambwe, ayomashirahamwenayo nobabwira amwe muriyo ninka: FOCODE, FORCIC, APRODEH< OLUCOM jewe namankundakwumva ayomashirahamwe yakoranije abantu bavuye mumirwi itandukanye kugirababahugure kandi biratunezereza, Ariko ndibaza nti; aboba Vital, Pacifique, Gabriel Ruyfiri naba Mbonimpa, mbebicura nkikoko yahindutse ikware ntamuntu bagira abahamagara akabagirinama yukuntu abahagarariye amashirahamwe nkayo bakwiye kwifata mugihgu? nkombona iyo hagize umuntu ahamagarwa nubutungane bacabifata nkigihugu gifashe abantu bomukindi gihugu maze ivyobabafatiye ntibavyumvikaneko nigihugu cabobantu bavamwo noneho icogihugu kigatangazako gihagaritse umubano carigifitaniye nicogihugu nicaba kitarekuye abobantu baco, ngukwo uko ayomashirahamwe yifata mu Burundi.

  • Jewe nunva ko abantu bose bagomba kwubaha ubucamanza ,ntanumwe ari hejuru yamatageko abanyamakuru nabo nibamenye ko ntawufise uburenganzira bwo kwivanga muvyo imanza ,nibasohoke baje no hanze mu bihugu biteye imbere , ntamutegetsi numwe agira ica avuga canke ngoatageke abacamanza ngo rekura uyo muntu igihe urubanza rwiwe rutaracibwa , bashobora kugira icifuzocuko bo murekura arikontanumwe afise ico atamika abacamanza ,Kubwanje ndunva ko kwambika iceyi ikihugu uvamwo ukacararaza mukiringo co gushikana ikirego kubabashinzwe bo mugihugu,ubwo nubuguranyi,hinge mbabaze mwese abize nabatize ,kuki Amerika iriko ikurikirana Eduard Snowder .Mushobora gukina muri Politic ariko nta leta nimwe kwisi yemera ko wivanga muri security yigihugu cawe
    Kandi bamwe murabizi ivyo muriko muragira ntiwobigira mu Rwanda ngo urare muhira atari mwibohero .Mbahanura ko mwokwubaka igihugu canyu neza mu mahoro mukirinda umuzi wose windyane kandi abo banyamakuru bakore igikorwa cabo batibona ko bari hejuru ya leta . Gira amahoro

  • CNC ndabaze amakuru Rema Fm ishikiriza ko mutigera muvuga?ahubwo namwe ni mureke guhengama mukorere bose kuko turabibona imbere yugukura icatsi kiri mujisho rya maradio manza mukure ibigiga biri mu majisho yanyu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.