Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 2 iraheze umuririmvyi Jean Christophe Matata yitavye Imana,vyinshi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Imyaka 2 iraheze umuririmvyi Jean Christophe Matata yitavye Imana,vyinshi (...)

Imyaka 2 iraheze umuririmvyi Jean Christophe Matata yitavye Imana,vyinshi kuri we

jeudi 3 Nzero 2013

Haraheze imyaka 2 abakunzi b’umuuririmvyi Jean Christophe Mtata yitavye Imana. Yri rurangiranwa mu Burundi, yi yaronse n’izina rya ambasaderi w’u Burundi mu makungu kubera indirinbo ziwe.

Jean christophe Matata yavutse muri komine Kinama mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka w’1962. Yatanguye umuziki akiri muto afise imyaka 18 y’amavuka. Aho niho yatangura kuja imbere y’abantu benshi akagira ibiteramo.

Mu mwaka w’1986 yaciye aja kuba i kigali mu Rwanda, aca atangura kuririmba mu mudiho wa solo. Indirimbo yiyandikiye agasubiramwo neza zatanguye gusohoka mu mwaka w’1987. Album ya mbere yayise « Amaso akunda Ntabona neza »
Hakurikiye Album yitwa « Ihorere Ntusarare » mu kwezi kwa Myandagaro 1987, hanyuma « Umpora iki ? » mu kwezi kwa Kigarama uwo mwaka nyene, yarasohoye iyindi yitwa « Murantunga » mu mwaka w’1988.

Yaraharonkeye amafaranga atari make bituma amenyekana kw’isi nko mu mahiganwa yateguwe n’iradiyo y’abafaransa RFI.

Jean Christophe Matata yavuye mu Rwanda mu mwaka w’1990 atabishaka kubera intambara , yaciye asubira mu Burundi.

Album ya gatanu yabaye « N’i Nyagasambu rirarema » yasohotse mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’1990 ica ituma aba umuririmvyi wa mbere mu Burundi nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru "BONEKA" casohokeye mu Bufaransa.

Mu mwaka w’1991, Christophe Matata yagiye kuba mu gihugu c’u Bubiligi,aca atangura gutembera mu bihugu vya Canada,Afirika,i Bulaya n’ahandi mu biteramo bitandukanye hamwe n’amasabukuru.

Igisata ca ONU kiraba ivyerekeye agateka ka zina muntu kiri i Geneve mu Buswise hamwe n’ibanki y’isi yose vyaramwikozeko mu migambi yo kurondera amahoro kw’isi kubera indirimbo ziwe zakundwa n’abanyagihugu kandi zarimwo ubutumwa bw’amahoro no gukingira abakenyezi.

Album yakunzwe cane kw’isi n’ubu igifise akanovera ni iyitwa ’’Amasoakunda’’, yatumye itwa amasaderi w’u Burundi kw’isi. Iri mu mumudiho wa Zouk yakunzwe cane harimwo indirimbo n’ubu ikibica bigacika yitwa’’Nyegera cane’’.

Yagarutse mu Burundi mu mwaka w’2009 aca ashinga inzu y’indirimbo ‘’studio’’ rwiwe.
Yari yatanguye gutegura ibiteramo bikomeye yari kugirira mu gihugu c’u Bufaransa arikumwe n’abandi baririmvyi nka Steven Sogo na Riziki.

Christophe Matata ntiyaronse amahirwe yo gusubira kuva mu Burundi ari muzima kuko yitavye Imana italike 31 Kigarama umwaka w’2010,ahitanywe n’igwara mu bitaro vo muri Afirika y’epfo.

Igihe yashinguranywe iteka mu Burundi,uretse abanyagihugu isinzi bari baturutse mu Kinama na Kamenge aho yavukiye akongera agakurira, urwo rubanza rwari rwitabwe n’abaserukira Reta y’u Burundi, n’ingoma y’u Bibiligi ubona ko yari asanganywe ubwenegihugu bw’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Uwuhagarariye ububiligi mu Burundi, Joseph Smets, yavuze ko Jean Christophe Matata yari akwiye kwitwa izina rya ambassadeur, ngo kuko yamenyekanishije u Burundi abicishije mu muziki wiwe.

Uwaserukiye leta y’u Burundi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana, yifuje ko abantu boha icubahiro n’agateka Matata akwiye mu kugendera impanuro ziri mu ndirimbo yacuraranze.

Bwabaye ubwa mbere umuririmvyi w’umurundi asezeranwa iteka nk’iryo, umurimvyi Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu akaba yabishimiye igihugu n’abagitwara n’ikigumbagumba cinshi.

Abaririmvyi baraho basezeje Jean Christophe Matata n’akarimbo ka Bob Marley ngo yakunda cane, Songs of Freedom.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.