Accueil > Amakuru > Ishirahamwe ABELO risaba ko amakomine yogabanuka
Ishirahamwe ABELO risaba ko amakomine yogabanuka
lundi 31 Kigarama 2012
Mu nama yahuje abarongoye amakomine yo kurabira hamwe uko amakomine akora mu gutunganiriza abanyagihugu basanze abatwara amakomine bose badafise uburyo bungana kuko ahanini amakomine yo mu gihugu hagati adafise uburyo bungana kugira atunganirize abanyagihugu.
Ahanini rero nkuko vyagiye birashikirizwa n’abari muriyo nama yabaye itariki 27/11/2012 hano i Bujumbura basavye ko hobaho icigwa cerekana ingene hotunganywa ukundi gushasha amakomine. Nkuko vyashikirijwe na Nzohabonimana Alexis umukuru w’ishirahamwe ry’abatowe gushika ku mitumba ABELO ati nkahamwe Reta yofata nk’amakomine 2 canke 3 bakayashira hamwe mu migambi y’iterambere, uburyo ngo bwahora bukoreshwa muri komine 1 bugaca buja murizo 3 ngo hari ikintu cohinduka mu bijanye n’ubutunzi.
Ngo kubona nk’igihugu c’u Burundi kigira amakomine 129 kandi udukomine duto duto uc’usanga atakintu kinini kiboneka mw’iterambere kuko hari amakomine y’ingwizamurongo kuko ataburyo bwo kwitunganya aba afise bigatuma habaho kuguma ahabwa uburyo buvuye ahandi mu gihe bwari gukora ibindi.
Umukuru wa ABELO agasaba ko mbere n’intara zimwe zimwe zoja hamwe kugira ubutunzi mu gihugu bwiyongere.
Ico ciyumviro benshi baragishimye aha twovuga nka musitanteri wa komine ya Muramvya umupfasoni Nisubire Marie chantal yavuze ko mu gihe ikomine yahora ihemba abakozi 20 nka hamwe bashizwe mw’ikomine 3 canke 2 ntawobura amahera yo kubahemba kuko hariho amakomine yarafise ikibazo co kudahemba abakozi bivuye kubukene.
Amenyesha kandiko vyoba vyiza amakomine agabanijwe kuko zoca zitwagwa na musitanteri umwe inguvu zikiyongera kuko abasitanteri bahora batwara za komine zindi boca bafasha uyo hakabaho akarusho mu butunzi kandi ngo bibaye uko vyotuma amakomine aca atunganiriza neza abanyagihugu.
kw’ifoto: Alexis Nzohabonimana, umukuru w’ishirahamwe ABELO
Mayonga Jean Marie