Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe CAFOB riragaya inyifato y’abapolisi bamwe bamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ishirahamwe CAFOB riragaya inyifato y’abapolisi bamwe bamwe

Ishirahamwe CAFOB riragaya inyifato y’abapolisi bamwe bamwe

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Ihuriro ry’amashirahamwe y’abakenyezi,ishirahamwe ataho ryegamiye,CAFOB riragaya inyifato y’abapolisi bakubise kuri uyu wa gatanu uheze abakenyezi bariko badandaza ivyashara vyabo ku mabarabara ari ngaha mu gisagara ca Bujumbura.

Umwe mu bakenyezi bakubiswe ari mu bitaro vyitiriwe Prince Regent Charles.Cafob imenyesha ko ahanini abo bakenyezi ari abapfakazi,banyenurugo kandi ko benshi ari abacitse amaboko babuze ivyabo k’umuriro wahitanye isoko nkuru ya Bujumbura.

Iryo huriro ry’amashirahamwe rihamagarira abategetsi gushigikira no gukingira abo bakenyezi mu mirimo yabo ya minsi yose na cane cane mu bikorwa vyo kwubaka isoko yategekanijwe bitarahera.

CAFOB isaba ahubwo gusubiza ibidandazwa vyari vyanyazwe banyenevyo no gushumbusha ababuze ivyabo.Yongera isaba Leta kuvuza abahuye n’iryo totezwa no guhana abagirizwa ayo mabi yose yakozwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.