Accueil > Amakuru > Ivyaranguwe mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru mu mwaka (...)
Ivyaranguwe mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru mu mwaka w’2012
vendredi 11 Nzero 2013
Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwarashize ahabona ivyakozwe muri ubwo bushikiranganji bubicishije ku mushikiranganji aburongoye Concilie Nibigira.
Umushikiranganji akaba yamenyesheje ko hariko harashiraho ubundi buryo bushasha buzotuma ivyo gutumatumanako bizimbuka ivyo navyo akaba ari intsinga zica mukuzimu ivyobita «Fibre Optique» mu rurimi rw’igifaransa,integuro y’itegeko rizogenga ukuntu amakuru atangwa,ukwitegurira guheba uburyo bwa kera ibimenyeshamakuru bikoresha «système analogique» kugira bazotangure gukoresha ubuhinga bwa none ivyo bita
« numérique»,hamwe no gutunganya politike nshasha mu kuntu amakuru atangwa ngo nivyo vyakozwe muri uyu mwaka uheze.
Umushikirnganji Concilie Nibigira akaba yaboneyeho akaryo ko gutanga imashini orrdinateurs 32 ku bimenyeshamakuru bitandukanye. Zikaba zavuye mu mafaranga imilioni 50 yatanzwe na Reta ngo afashe ibinyamakuru n’amaradiyo.
kw’ifoto: Concilie Nibigira umushikiranganji arongoye ubushikiranganji wo kumenyeshamakuru
Marie Claire Ingabire