Accueil > Poritike > Imigambwe > Kanyosha: Abayoboke ba Rwasa baraye bazibiwe utuyira
Kanyosha: Abayoboke ba Rwasa baraye bazibiwe utuyira
dimanche 27 Gitugutu 2013
Ubuyira bwose buja mu mihana ya bamwe mu banywanyi ba FNL bakiyoboka Agaton Rwasa mu Kavumu, muri Kanyosha rural, bwaraye bwugawe, buzibijwe ibiti. Amakuru atangwa n’abanyagihugu, tukayakura kw’isanganiro, avuga ko abakoze ivyo ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD.
Abo banyagihugu bavuga ko babaye mu bwoba budasanzwe kuva Agaton Rwasa asubiye kuja ahabona, bavuga ko ababugariyeko utuyira twinjira mu mihana iwabo, bari banitwaje inkoho zo mu bwoko bwa kalashnicov. Urwaruka rw’imbonerakure rwagirizwa ivyo, ruvuga ko rurarira kugira Rwasa Agaton ntasubire kugenda. Abo banyagihugu kandi bamesha ko uwahirahiriye agasohoka, yakubiswe izi nzoka, naho yoba ari umunywanyi wa FNL canke uwundi uwariwe wese, afashwe asohotse mw’ijoro.
Iyo komine ya Kanyosha ikaba igima ivurwamwo ukutihanganiranira mu vya politike, mu gihe inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010, ariyo komine yabonetsemwo abantu bagiye baritaba Imana bazira izo mvo za politike. Tukabibutsa ko abanywanyi b’umugambwe FNL na ba CNDD-FDD bose bagiye barahitanwa n’ukwo kutihanganiranira mu vya politike.
Aristide Nizigire
Messages
27 Gitugutu 2013, 10:49, par Jean Bosco Ndikumukiza
None abo bagirivyo biyumvira ko twese tuzoherera kumugambwe uri kubutegetsi?ndibaza abo biyumvira uko biyumvira nabi nibateshwe bate ahubwo bemere inzira yibiganiro
27 Gitugutu 2013, 12:00, par Richard
Bahereye kuva kera kandi ngo ntawabaye umuhizi ataciye mubikomeye naho bozibira bakugara bagasubira canke bakica bose ntibazobaheza rero mbagirinama ko abo kakora ubube gito nkubwo ko bobireka bakareka guhendwa nabategetsi
27 Gitugutu 2013, 13:53, par rama
urihendashpa,retazimfatakibanzatwarayirenganye.ntabiganirobikenewekukontanzuirimwirasha.rwasanawe"uti"Baraguhenzengwinkondiravoma:
27 Gitugutu 2013, 14:14, par Joel
Rwasa easy tiragushigikiy...komera
27 Gitugutu 2013, 15:28, par selin
huyu mushingantahe. ikintu agomba kurondera numukenyezi, ubundi akaba Gakuru.aho twitwa gaton. ntamugwabwe umwe rukumbi??
28 Gitugutu 2013, 10:30, par joseph
basha CDD FDD irabesha nireke ubwoba kuko rwasa ntacaha arakora ahubwo nibareke atware nakare yaratwe amajwi barayiba rero ubu bafise ubwoba cane yuko arotwara rwasa obama mumureke atware mukure ubwoba igiti ntikikukora mujisho kabiri ni bakure ubwoba rwasa aratwara imyaka irimbere ok.
28 Gitugutu 2013, 14:26, par alphonse
abo bakora ivyo ntibibazeko babigirira abana ntawuhorahoyabaye kandi : uwutazi akanuka yisegura inyo!!
28 Gitugutu 2013, 14:30, par philemon
Abarundi ivyiyunviro vyacu vyaranyobey twigira ngo turasenga imigere ibiri ntitereka iyo poritike ya president Imana izoyimubaza ivyo sivyiza Imana imuhe kwihana .