IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Komine Busiga yabaye iya mbere mw’iterambere

Komine Busiga yabaye iya mbere mw’iterambere

samedi 29 Kigarama 2012

Icigigwa casabwe n’ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine cerekana ko komine Busiga iri mu ntara ya Ngozi ariyo yabaye iyambere mu gutunganya neza ivyerekeye intwaro n’ubutunzi. Amakomine agize igisagara ca Bujumbura aza mu bibanza vya nyuma.

Amakomine ya Bwiza na Nyakabiga gusa niyo yashikanye amanota 20 kw’ijana mu gisagara ca Bujumbura mu bijanye n’intwaro ibereye hamwe no gutunganya neza ubutunzi, imibano n’intwaro.

Komine Busiga iri mu ntara ya Ngozi ni iza ubwa mbere ku rutonde mu cigwa cakozwe n’ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine. Ngo yifashe neza muvy’ubutunzi, intwaro ibereye,gutunganye intwaro n’imibano. Ifise amanota 91 kw’ijana. Hakurikira komine Mwumba nayo nyene iri mu ntara ya Ngozi, ifise amanota 89 kw’ijana. Komine za nyuma hagati mu gihugu n’izo mu ntara ya Makamba zifise amanota 36 kw’ijana.

Abahinga bavuga ko icatumye amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura afata ibibanza vy’inyuma ku rutonde ngo n’uko atabwigenge afise mu gutunganya ubutunzi kuko ubutunzi bwose burungikwa mu biro vyigisagara. Naho biri uko amategeko abiri agenga ubwigenge bw’ubutunzi mu gisagara amaze imyaka irenga 3 ari mu nama nshingamateka, igitangaza abo bahinga bakoze ico cigwa.

Musitanteri wa komine imwe yo mu gisagara ca Bujumbura atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yagize ati :’’Vyoshoboka gute ko ikomine itegura umugambi nyawo w’iterambere kandi amafaranga yose y’amakori n’amatagisi aherera muri Mairie ya Bujumbura’’.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ico cigwa ari akaryo ko gukebura abarongoye amakomine yaronse amanota make ko kwikosora kugira hanyuma azobe aya mbere.
Umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Martin Nivyabandi asigura ko amakomine ategerezwa kwitegurira imigambi y’iterambere hanyuma umushikiranganji agaterera mu kurondera imfashanyo. Yasavye amakomine yose y’igihugu kurushanwa mu migambi y’iterambere.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • ndanezerewe kubona ikomine yacu iba iyambere tuze twame imbere ibihe vyose. Imana yaduhaye igihugu ciza ca ize ikidutungire.natwe dukure amaboko mumpuzu tugiteze imbere.babazungu bihenda ngo badukuye ko imfashanyo zabo bazomaramara bamaze kubona iterambere tuzoba dufise.Barundi twese dukure amaboko mumpuzu mugihugu cose tunganye amanota.

  • Abarundi Twese Tugire Umwete Ni shaka Dukore Ibikorwa Vyiterambere Ikomine Z igihugu Cacu zose Zise Na Komine Busiga Iwacu.Maze Abatwanka Imana Izobasubiriza Munkoko Ibikwiranye Nivyo Batwipfurije.Umubanyi kagame nawe navibuzimu ajibuntu urwanko ninzigo ntaco bimaze.abahunze namwe ingo twubake igihungu cacu muvinyuma yababahenda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.