IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kwakira neza umuntu bitanga ishusho nziza

Kwakira neza umuntu bitanga ishusho nziza

jeudi 29 Munyonyo 2012

Iyo uvuze ijambo «customer care», muri rusangi uba ushatse kuvuga ingene abantu bakirwa mu bisata bitandukanye. Bisaba ko rero abarongozi b’amashirahamwe, ibigo vy’amashuri, amavuriro, imangazini z’ubudandaji n,ahandi babanza bonyene kugira «customer care» iyabo, ni ukuvuga kwakira abantu neza bagaheza bakigisha, bakanakurikirana abakozi babo bakaraba ko bakira neza ababitura.

Iyo ugiye gusaba ikintu ahantu hanyuma uwukwakiriye akakwakira nabi, ico gihe ugenda uvuga yuko abakozi bose bo ngaho ariko bameze. Ni ukuvuga ko uwo yakwakiriye aba yerekanye ishusho yaho atariko biri.

Hari imangazini imwe maze kwinjiramwo aha i Bujumbura, nsanga umwigeme yakira abantu ariko arasokoza imishatsi, ndamuramutsa nti:« Muraho muko?» Nawe ati:« ndaha nyene, ntumbona!» Nongera nti:«Murakomeye?» nawe ati:« Tudakomeye ntiwotubona hano!» Yanyakiriye nabi ku buryo vyatumye nshavura ngasohoka ntabajije n’igiciro c’ico nari ndoye kurondera.

Hari kandi umunyeshuri aherutse kuja mu biro, kurondera urukaratasi arekurirwa n’amategeko y’ishure kaminuza yigako. Muti aho hoba ari hehe? Tuzobigarukako mu nkuru izokurikira. N’uko rero umunyeshuri yarinjiye, umuyobozi ari mu biro aramubwira ati:« Ubu nfise akazi kenshi,ivyo sivyo ndimwo, uzoce ngaha ndi mu biro ata kazi nfise.» Inyuma y’iminsi mike wa munyeshuri asubirayo, wa muyobozi asubira kumubwira ati:« Ariko sinakubwiye ko uzogaruka ata kazi nfise. » Uwuri uwundi ati:«Je narinzi ko akazi kanyu ari ako kuturonsa ivyo dukeneye nyakwubahwa.» Aramwumvisha ko kandi igihe co gukoresha urwo rupapuro arondera kiriko kiramurengana kandi cihutirwa. Ati:«Natakamvye munfashe!» Nawe aramwishura ati:« Ivyo ni ivyawe nsohokera ibiro, yaco untesha akazi.»

Uwo munyeshuri naramwegereye turaganira ambwira ko ivyo vyatumye yishiramwo ko muri rusangi iryo shuri ata kwakira neza abantu rifise.
Twaragiye no muri Banki imwe y’i Bujumbura tuhasanga umurongo muremure w’abantu barindiriye kuronka umukono, harimwo umusore amaze umwanya munini arindiriye ko bamwakira, agire ashikirwe, haza abantu batatu, baca bakirwa imbere yiwe, tuvyibonera n’amaso yacu, kuko hariko haragera ko barangiza akazi, wa musore yahavuye adashikirwa.

Bugingo batashe, umukozi umwe mu bakorera ngaho abwira wa musore ati:« Ihangane mwana uzogaruka ejo abantu bararutana.» Murumva ko uwo musore yatashe ababaye ku buryo nanje ubwanje vyanteye ishavu! Kumbure mwibaza muti iyo Banki ni iyihe? Tuzobigarukako hanyuma.

Birashika kandi ko umuntu aja kwa muganga, yarwaye akirirwa yicaye hanze, kandi abaganga baguma bamucako,ntibamwiteho.Niyo bamwakiriye,uwumwakiriye ati:«Mbwira ningoga ndiruhiye canke wivure!» Akakwakira nabi ku buryo aho kugufasha gukira,canke gutora mitende,ahubwo atuma urushirizaho kuremba.
Murumva namwe ko ivyo atarivyo,ahubwo ni agahomerabunwa.Ariko ikibabaje nuko Atari inkuru,ivyo biriho.

Bantu mwese mukorera mu biro bitandukanye,haba mu bitaro, mu bigo vy’mashuri matomato, ayisumbuye na za kaminuza, mu mashirahamwe atandukanye, ahakorerwa urudandazwa, musabwa ko nimba mushaka gutera imbere muvyo mukora, mumenye kwakira neza ababitura kuko iyo wakiriye neza umuntu umwe agukundisha benshi kandi akabakuzanira, wakira nabi uwundi naho, akakwankisha benshi kandi bakakwanka bikwiye, bigatuma uhomba!


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.