Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi babandanya guhamagarirwa kwiyandisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abarundi babandanya guhamagarirwa kwiyandisha

Abarundi babandanya guhamagarirwa kwiyandisha

mardi 25 Munyonyo 2014

Mu gihe imigambwe yose yahamagariye abanywanyi babo kwiyandikisha, bibonekeka ko ukwiyandikisha kutariko kuritabwa ku rugero rushimishije nk’uko twagiye turavyibonera ahatandukanye.

Yaba ahariko hariyandikishiriza abantu mu makomine ya Nyakabiga na Bwiza, bikaba vyabonetse ko umunsi wa mbere bititabiriwe rwose, ariko ivyo bikaba ariko vyama, aho umunsi wa mbere abantu badakunda kuwitabira rwose. Muri komine ya Nyakabiga, abariko barandika bakaba bandika umwe umwe, kuva igihe c’isaha zibiri gushika isaha icumi n’imwe n’igice. Ndetse abantu bakaba bagiye kuza basa n’aho bagira batahe abariko barandika.

Bamwe mu bo tavuganye bahejeje kwiyandikisha, bakaba batumenyesheje ko umurundi atiyandikishije kugira aze atore, aba yiyatse ubwenegihugu, mu gihe abirekuriwe n’amategeko. Mukamenya ko imigambwe nka yose yahamagariye abanywanyi bayo kwiyandikisha bose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.