IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ngozi:Abanyororo 150 barekuwe

Ngozi:Abanyororo 150 barekuwe

mardi 25 Kigarama 2012

Amabohero atandukanye ariko arakurikiza ingingo y’umushikiranganji w’ubutungane yo gutenzurira abanyororo. Kuri uyu wa mbere i Ngozi harekuwe abanyororo 150 bamaze gushikana ica kane c’igihano baciriwe.

N’akanyamuneza ntangere kubarekuwe. Bose hamwe n’abanyororo 150 bo mu mabohero atandukanye y’intara ya Ngozi. Bahora bagirizwa ubusuma,gufata abakenyezi n’abakobwa ku nguvu hamwe n’ubwicanyi butobuto.

Iyo ngingo y’umushikiranganji w’ubutungane ivuga ko abanyororo batenzurirwa bakarekurwa ari abigenza neza mu mabohero, abamaze gukwiza ica kane c’igihano baciriwe, abagwaye ingwara zidakira,abageze mu za bukuru bashaje n’ibindi.
Muri abo barekuwe harimwo abagore 10. Harimwo kandi umuntu yaramaze imyaka 29 afunzwe, harimwo n’abantu batari bafise amadosiye.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ntasiba gusemerera avuga ko abanyororo babayeho nabi kubera ari benshi mu mabohero.

Mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, abanyororo barenga ibihumbi 10 mu mabohero 11 ari mu Burundi yategerezwa kwakira abadashika 5000.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.