IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Noel: Papa yasabiye isi yose amahoro

Noel: Papa yasabiye isi yose amahoro

mardi 25 Kigarama 2012

Umwungere wa Kiliziya Gatolika, Papa Benedigito wa 16 mu butumwa bwo guhimbaza umunsi mukuru wa Noheli, yasabiye isi yose amahoro.

Papa yasavye abanya isiraheli n’abanyapalesitina kugira ibiganiro, ayoyamiriza ubwicanyi bukorerwa abantu ataco bazira mu gihugu ca Syriya.

Yanasavye kandi ibihugu vy’abarabu vyabayemwo gutembagaza ubutegetsi ku nguvu kubaka ibihugu vyubaha kandi ntibirenganye abanyagihugu.

Umwungere wa Kiliziya Gatolika yasengeye imibano myiza y’abanyagihugu muri Nigeriya gutyo yiyamiriza ibikorwa vy’iterabwoba bigirirwa akenshi abakirisitu muri ico gihugu.
Yanasavye kandi abayobozi bashasha b’Ubushinwa kubaha ubutunzi n’ubwigenge bw’amadini mu buzima bw’igihugu.

kw’ifoto: Papa Benedigito wa XVI


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.