IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Nta kuri kuramenyekana inyuma y’imyaka 5 umufaransa Agnes Dury yiciwe mu (...)

Nta kuri kuramenyekana inyuma y’imyaka 5 umufaransa Agnes Dury yiciwe mu Burundi

mercredi 2 Nzero 2013

Haraheze imyaka 5 yishwe ariko nta kuri kuramenyekana ku bamwishe. Uwo ni Agnes Dury umufaransa yakora mw’ishirahamwe rigwanya inzara mu Burundi yiciwe mu ntara ya Ruyigi italike 31 Kigarama 2007.

Agnes Dury yishwe afise imyaka 31 y’amavuko, yiciwe mu ntara ya Ruyigi ari naho yakorera mw’ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya inzara. Yari yiteguriye kurangiza umwaka w’2007 ariko ntivyakunze kuko muri iryo joro nyene yaciye araswa n’abantu bataramenyekana.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika Valentin Bagorikunda yari yijeje u Bufaransa ko ukuri kugiye kumenyekana. Yabivugiye mu Bufaransa inyuma y’urugendo mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka 2012. Hari hatanguye amatohoza ruhasha ariko n’ubu ntaco arashikako, yari yahaye umwizero umuryango wabuze. Yari yagendeye sentare y’i Macon arabonana n’abacamanza.

Umuryango wabuze ubona ko u Bufaransa nabwo nyene budatera igitsure u Burundi kugira ukuri kuje ahabona. Ariko ngo n’u Burundi nta gushaka kuboneka bushiramwo kubera harivyo bwasabwe n’ubutungane bwo mu Bufaransa ariko ata na kimwe kirakorwa.

Umuryango wabuze n’ishirahamwe yahora akorera babandanya basaba ko ubutungane bwokora ukuri kukaja ahabona. Basaba u Burundi kubandanya amatohoza. Basaba kandi ko amashirahamwe atandukanye y’u Bufaransa yofasha muri ico gikorwa.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.