Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Onésime NDUWIMANA yifatanije n’abandi banyeporitike mu gutumako (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Onésime NDUWIMANA yifatanije n’abandi banyeporitike mu gutumako (...)

Onésime NDUWIMANA yifatanije n’abandi banyeporitike mu gutumako imyiyerekano

mardi 14 Ndamukiza 2015

Abarundi bahamagariwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abajejwe umutekano bagasabwa kubakingira.

Mu kiganiro catanzwe n’abaserukiye imigambwe ya FRODEBU, FRODEBU Nyakuri, MSD, UPRONA ya Karori Nditije, CNDD, n’Abagumyabanga baheruka kwiyamiriza ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza, basaba abarundi gusidukana n’iyonka aho bari hose, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza, kugira baze biyamirize ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Onésime Nduwimana yahora ari umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD akaba asaba abarundi gusidukana n’iyonka bakiyamiriza abashaka gusubiza igihugu mw’ihumbi, no gusubiza inyuma intwaro rusangi, kuri uwu wa 15 Ndamukiza, kandi agasaba ko abajejwe umutekano bobacungerera umutekano, kuko ari uburenganzira bwabo. Akarwi rero kaguma gahendahenda umukuru w’igihugu kugira yitoze ubugira gatatu, kakaba ari akarwi k’abantu bafise ipete rya General, Nduwimana Onésime akavuga ko gapfukamye mu nda igihugu, ako karwi nyene kakaba kabandanya guhendahenda umukuru w’igihugu ko yokwitoza ubugira gatatu, kandi bizwi ko azoba arenze amategeko yose yiyemeje kwama yubahiriza.

Onésime Nduwimana, akavuga ko ako karwi gato, kagizwe n’izo ntwazangabo nka Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, Gerevazi Ndirakobuca batazira Ndakugarika, Alain Guillaume Bunyoni, hamwe na Etienne Ntakarutimana arongoye urwego rw’igendereza. Abo nyene bakanagirizwa ko basigaye baranihaye ingendo yo guhagarika ingendo za bamwe mu bategetsi barongoye inzego nkuru z’igihugu, ndetse bagatanga amategeko bibereye mu bunywero.

Muri ico kiganiro, yaba umukuru w’umugambwe FRODEBU Léonce Ngendakumana canke umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Yohani Minani, bose bakavuga ko umukuru w’igihugu yahanuwe kuva kera n’abantu isinzi, bose ariko akabishura ko arindiriye ibizovugwa n’umugambwe, vyerekana ko ashaka kwitoza. Abo banyeporitike rero bakavuga ko bizeye ko umukuru w’igihugu azoheba akumva izo mpanuro buca bamuha, muri iyo myiyerekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • Komera kw;ibanga Imana ibajimbere hakuba imbwa wobinva ukuri gucamuziko ntigusha abarundi isinzi turinyuma yanyu.tubwiramasaha

  • Amakuru twahawe n’umuntu yari yinyegeje inyuma y’idirisha mu gihe abo batama bompi bagirana umubonano, yatubwiyeko

    1) KAGAME yumvirije isaha yose irenga NKURUNZIZA amusaba ikigongwe kukuba yarizigiye KIKWETE agasa nk’aho ahevye Kagame kandi ariwe yamufashije kumenyekana mu makungu.

    2) Petero yabajije kagame ico yokora ngo abarundi basubire bamushigikire, Kagame ati irukana Adolphe na bunyoni ukure INTERAHAMWE zivanze n’IMBONERAKURE. Aha peter yaciye AJUGUMIRA kuko ataraziko mugenzi wiwe azi ayo makuru

    3) Petero yaciye ashoka amubaza i banki mpuzamakungu yokwimuriramwo ivyo yasahuye u burundi ariko KAGAME ngo yanka kumuha inyushu itomoye kubugirankana kuko peter yasa nkuwataye umutwe kubera ibibazo bimurindiriye imbere

    4) icanyuma nuko PETER ngo yerekanye KUBURA UBUKEREBUTSI muvya diplomatie aho ngo yacishamwo akarya inzara zo ku ntoki canke ngo akikora mu zuru uko umutima uteye

  • Ahoho! Onesime agire yimaramaze kuko asa nuwuriko ari mastriba! Hiiiiiiiiiii abagore babandi nabakobwa babandi bagire bamuhumire. Arabaye umugumyabondo akwiye. Niyigumwe ntafateko indoto ari umuti. Kandi icumuntu yiyumviriye nticamarico. L’homme propose ou suppose et Dieu dispose. Niyihangane vyase yambare umufuko!

  • Ntako ntashigikiye 3eme mandant , arikona Onesime nkubu kubona yicaranye nabo yahora atuka yiyumva gute?
    yarakwiye kubanza kubasaba ikigongwe imbere yo kubicaramwo!
    Kubera rero yirukanywa aca acika umugenzi?
    Akirya nkabandi ko atabibuka?
    Amanyanga yakorwa kera yari hehe?
    Aho bica abandi yarahose reka nawe bamwereke!

  • UBU UYE NIVYIZA KUKO ABARUNDI BAMAZE KUBONA NEZA YUKO AKARWIKARAHO ARIKO GAPFUKAMYE MUNDA HAMA MWESE EJO AHO BUKERA TWESE TUZOJE KWIYAMIRIZA AKO KARWI KABICANYI NABASUMA.

  • wewe urahenda abandi kabisa bagukuye kwisahane none utangiye kubarwanya. ko utasanze abo uriko uravugira kera kose.!!!?????.

  • Iyo myiyerekano turasaba Igihe.bi kuzoyikurukirana ikiberaho(live). Muzoma mwerekanye professionalisme ndake...!

    Murakoze!

  • Ntakindi c’ivugo mbona gikwiye atariki : VAKO kukiringo c’agatatu.

  • Emwe ntako ntashigikiy troisieme mandat,sinzoza mwishwanje! Urabona ubwo bukunzi bw,inda! Ca gihe mu kigobe mugira mufute arusha bikanka kubera ijwi rimwe mwabuze rya ka gakunzi kinda niyoyankana harya ntiwaruzi ivy uriko uragira? Horaaaaa!!! Ngira hari ibindi bariye ntibaguha

  • Yeeeh,ibintu birakomeye,uyo yabaye mu butegetsi imyaka cumi yose bataramuhinyura?Erega hemwe bwa bundi Radjabu yari mwanaume,yapfuye nk’umugabo kweli,ndabira ako ga sourire béante sur les lèvres de Minani,Onésime na Léonce!!!Hiiiiiii!!!je narinziko atobikora,abuza abakozi gukora ngo baje mw’ibarabara ku wa gatatu!!!!Reka yumve ico abandi bamucuze,abo ba generaux nabaveko!!!!!iyo batahaba ntiyari kumara iyo myaka yose muri socabu!!!

  • @ Kubwayo, ndagukurikiranye nsanze utazi ukobahimba ikinyoma, hanyuma ikindi mbonyeko utazi Nkurunziza uwariwe! Nkurunziza ni president, ni Comada, Numupererezi, ni Mwalimu, nu Murimyi mworozi, kandi akaba mubantubambere bitonda kugezanaho abantunkawe bokwibazako bogenda bakatako ukwobishakiye noneho bakazagutangara bavugango sinarinzi kwashoboye!?.

  • Baravuzeko twagwijije ba mpemukendamuke,baandayamutaye,baandoriyobija,nzojiyobiri,kiburaso..emwe barayamaze bati ,imbwa yahiye kumurizo iti burakeye twereke abagabo,,onezimu nabanze yigaye ko yajakaye kuko ,ejo azosubira kws bunjoni na dorufu.

  • muduhenda NGO murabagumyabanga ewe onezime manase wavuze namashuri make nawe tuvuge kwarinda ndende twarabahinyuye ubunyene uza wifatatanije nabo mbega bagushize kurutonde mumugambwe uwahe mbabarira unyishure muzokwama muryana kuko ntikizobakwira harageze ko banyarucari baca ubwenge bagahumuka bakamenya inyuma ya rwagasore ndandaye pita kwabandi mwese muri basumirinda kandi kwataneza yumunyagihugu mwipfuza atarineza yinda zanyu

  • muduhenda NGO murabagumyabanga ewe onezime manase wavuze namashuri make nawe tuvuge kwarinda ndende twarabahinyuye ubunyene uza wifatatanije nabo mbega bagushize kurutonde mumugambwe uwahe mbabarira unyishure muzokwama muryana kuko ntikizobakwira harageze ko banyarucari baca ubwenge bagahumuka bakamenya inyuma ya rwagasore ndandaye pita kwabandi mwese muri basumirinda kandi kwataneza yumunyagihugu mwipfuza atarineza yinda zanyu

  • gewe sinzoza kuko amahera mwohereje ntiyangezeko.

  • mwese muriko murarwanira inda zanyu ntanumwe uzibuka ko twarikumwe mwibarabara umunsi namwe akarwi kanyu Imana yagateyiteka.

  • abarundi mwese fatanemunda mwiyamirize abashaka kurenga amasezerano kuko ntacizabazanye atari amarira abarundibumutima icobabonye ntikizoba cobatabonye

  • Uvumwa nabenshi ugatota.

  • Muzogende mumutekano ntagere nizereko nduwinda edouard naba polisi bamwe bamwe bazovyingamwo navyavyuka bitwaza.jewe ndiko ndabasengera

  • Nosaba ko imbere yuko abanyagihugu bajayo yuko abobose bagize icokiganiro boja imbere ntikube arugusuka abandi.Onrsime naw ubu akuw mumu gambwe niho abonye akokagwi? Mbe akiwuvugira ko atari bwakavuge? Ubwo sishavu rimutuma acafuza abandi? Abarundi nobasaba kugenda bukebuke ntitujanirane n’imvugo zicana imvutu z’abanyepolitik.twigumire kukivi.

  • ABARUNDI BAKWIYE KWIHANA BAGASABA IMANA IKIGONGWE KANDI NABO BAGAHARIRANA. NTAKAMARO KOGUTERANA AMAJAMBO,BOSE BASANGIYE IGIHUGU KANDI IGIHUGU KIGIYE MUKAGA BABIURA BOSE NTAKAMARO KO KURWANA. UMUTI NUKWIHANA IVYAHA ATAWUVUYEMWO NKUNKO VYABAYE I NINAWI IGIHE IMANA YATUMA YONA. IMANA IRACARI KUNTEBE YIBABAZI ITEGEREJE ABAYIRONDERA, ABATUGANYA UBUGINGO. GUTERANA AMAJAMBO NTACO BIFASHA IGIHUGU NABARUNDI AHUBWO NUGUSUKA AMAVUTA MURUBEYA. IMANA IFASHE UBURUNDI. AMARASO YA YESU YAVUYE KUBWA BANTU BOSE NABARUNDI BARIMWO. ICOMPA ABARUNDI BAKAGIRA UMUTIMA WO KWIHANA NO KUBABARIRA!

  • @ndiho’nuwera etc burakeye tumesanye muraza kutuzibira ko murabagabo zabonerakure zizo ejo ko murabagabo haaa tuce tumesanya mwamihibirimwe murabesha murakivako kandi nimwabandanya mutera igere tuzobakuraho twogere tubende munyo murakicwa nanyagasini DD mwe .abagore banyu tuzoba nyazisha iminwe niho bokwu

  • @félicien,
    ntidushobora guhagurukira rimwe twese ngo dukore imyiyerekano turaritswemwo n’abo bantu bicaye aho ku meza,abo bose uko ubabona nta numwe aje kurondera inyungu zacu,nabo nyene baje kuronderera inda,uretse nditije na nyaboya ntazi ivyabo ko ntigeze nitaho ibibera mu batutsi,reka ndakubwire abo bose bashaka kudukoresha ku busa,izuba ritunagarike mw’ibarabara tuzirabo.
    Uyo léonce afise ama loyers menshi yo kuriha,afise abagore batanu n’abana 20,abo bose yabatoraguye akiri président de l’assemblée nationale,aho rero avuga yita ubu ntibimworoherra,il est pret àtout pour retrouver son ancienne place,quitte àmentir,provoquer les dirigeants,les generaux,uyo nta nico yaterereye tugorewe mw’ishamba,nakumbure aje kurima imyumbati mu buhonga nyabuna ashobore gutunga iryo soko ryose.
    Onésime ntaco mfise mvuga,we arateye isoni,aka kanya yabaye umu patriote?Ubu àla fin du mois ntazoronka vya bihera vyo muri socabu,probablement que ses maitresses tutsis lui ont tourné le dos car il n’a plus rien de ce qu’elles cherchaient,ubu ariko ara puisa dans ses réserves ariha igitoro,telefone n’ibindi,ubu ça va encore,mais dans quelques moi ça va barder!Mbega umuhutu w’igito!!!!jewe nogira isoni,kuja kwicarana na léonce?Uwavuze ati ba nyarucari tureke guhendwa nobahanura kwitekerereza bakihorera ntibazokwirigwe bazira ubusa,aho rero wosanga Onésime aja guhenda abanyagitega bisurirako ivu ngo ariko arabakorera,vraiment natekereze abo ntibageza kumushira kuri liste n’ishavu bamufitiye,naho bogira urunani ntirworama nta bwoba bateye,simvuze ko nshigikiye 3è mandat ariko sinoja mw’ibarabara mpamagawe nabo.
    Kuri Minani,nta vynshi mfise ndamuvugako,je ndamuzi ari umuntu mwiza ,akunda ubuzima n’abantu,nta kibi ndamuziko kandi we murundi yamye afasha abandi,probablement n’abar ku rugamba ntiyigeze abirengagiza, aho ageza yarafasha,naho nawe abakenyezi batamugwanabi.
    Ewe izo manifestatins reka zikorwe n’abo b’i bujumbura abo muri intéreur ntimusubire guhendwa mwigire kwirimira ntimucererwe !!!

  • @Rupande
    Urantwengeje nukuli kubera akajambo ka mwishwanje,nanje nivyo mvuga ninabona abitavye iyo myiyerekano bavuye ruguru nzoca menyako abanyagihuggu bacu bahumirije finalement, jewe nimba babakunda nobahanura kubatora ariko batabakurikiye kuri rwa ruzuba,ariko undabire abo bose ni abarondera bivuye inyuma amahera,inyungu zabo gusa,uwo ntazi ni nyamoya,Onésime we ni agahomerabunwa,aka kanya yageze muri opposition kandi aza ayivugira kurusha nabo,reka mpebe ntwenge kuko birakwiye,ubutegetsi ni bubi kweli,uwobishinga yogwa mu nzira,impanuro gusa umuntu akuramwo,ntakugaya abantu basanzwe,raba yagiye kubazambira disi arondera kubicaramwo hagati pour un peu de chaleur,n’abandi babonereho,isi irazunguruka !!!!!Abanyagihugu mwigumire ku kivi,jewe mine de rien sinshaka ko babitwaza birigwa babataramanza mu mabarabara bataye ibivi vyabo!Nibayajemwo bo bafise ivyo baronderayo,ubwo murazi inyota yo mu mabarabar y’i bujumbura,burya bazobazimiriza akanyota,aho umwe wese ntazoca yigira mu bubaret bwiza bwiza gufatakimwe abandi bazinge umurizo basubira ruguru,iyo myiyerekano irakanewe,ariko nukuraba abayisaba!!

  • Harya inyanka kwumva yumvise nuko amaso atukuye, kandi kananirabagabo ntiyimye, abarundi turakwiye gutahura KO ubutegetsi tubuhabwa nabanyagihugu kandi bonyene bashayse barabutwaka, kurivyo ntawuzokwemera gusubira mwishamba nayo twahaboneye.

  • Onésime uraguma ushir ahukur kuri ntugafash Nkurunziza guhemukir abarundi

  • Yoooooo ewe onsime NDUWIMANA Urateye isoni none imyaka warumaze muriyo Leta ubu nih ubonye ko bariko barakora nabi kutari bwavuge ukiyirimwo ntamunwa warufise wokuvuga Mayina bari bawuzibije ivyokurya non ubonye babikwatse uciye utangura guta ubuntu!!!! uwavuze k atajambo ryumusambanyi ntiyabeshe.reka kwirirwa urata akanwa wigire neza non ubunaho utanguye kuza kwazambira ab wahora wirirwa uravuganabi urateye isoni,nicogituma nohanura abantu k ivyo vyoza biraduha icirwa kuk abantubose baronderera inda gusa.kuk nkawew biragaragara ko ataneza ufitiye igihugu cacu atari indayawe nukurondera ahari abagore babandi uzurasambanya gusa ntakindi ndaguhanura kowavuye mur CNDD FDD Wokwicara ukinumira ukareka kwirirwa urata umutwe nakanwa kuk abarundi sibijuju baramaze gutahura ikibi niciza.

  • MUKAMA WANJE!!! ARIKO AKAKANYA NYE MWAMAZE GUPINGAMA BIGEZE HIYO?

  • yooo,nyabenda ivyo yavuga vyarivyo,bari baragiye muri opposition bamwe bamwe,none nkaho Onésime ashaka gupinga n’abategetsi,mbega basha ico kintu bamukoreye asigaye avuga ayamuhe ni igiki,?murarabe neza hategerezwa kuba harimwo amahera yinyegeje inyuma,ntakandi k’abagenda bahunahuna mu bagore no mu malaya,abo Peter yategerezwa kubakura kare nyene,abo ntaco bafasha,nta mitima n’ubwenge baba bafise car ils sont désequilibrés!

  • Abarundi Nimugire Imana,kandi Tuishime,amatora Meza,nayumwami,reka Iganwa,nyokwiyumvira Gutwara,aruko Uwund Atakibayeho Mubuzima,murafise Ihuriro Nyurutonde Mwishiriyeho Gwihugu Gwamatora,kand Amahiganwa Yanyu Abe Yivyiyumviro Vyoteza Igihugu Imbere,reke Gutera Uruhagara Abarundi,tekame Mur’yesu,niwe Mwami Wa Abami,izind Ngoma Hano Mwis’zigenda Zikuranwa,amina,

  • Onesim we! teg amatwi ndaguhanure. tangur uvug ivyabaye bibi ugitwar umugambge wahagarukanye democratie hanyuma tukumve. abo mufatanije gusuk abanyagihugu kuntwaro yawe bari baguwe neza? mbeho wotubwir icakwats umugambge? ukuri kwawe kotugora kumva.

  • Je Mbona Umukur Wigihugu Yokora Ibijanye N’amategeko Kandi Bijanye N’ubugombe Bwimana,kandi Yumve Impanu Za bamwe Bamwe,zogirira Akamaro Igihugu!

  • Abahunze.bihangane.nimusubize.amaso.inyuma.mbega?harabo.mwarenganije.ingero.ugereramwo.uwundi.niyo.ugeregwamwo.Nankurunziza.bitebe.bitebuke.nuko.bizogenda!Erega.azotangara.nawe,!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.