Accueil > Amakuru > RDC: Isanganya ry’indege ryahitanye abantu batandatu
RDC: Isanganya ry’indege ryahitanye abantu batandatu
mardi 30 Kigarama 2014
Indege yo mu bwoko bwa Antonov 4 ASS, yaragize isanganye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, ku musozi wa Kafinda, aho ni nko ku birometero 25 uja i b’’Uvira muri repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Amakuru yatanzwe n’isamiriza ’’Okapi’’ ikorera ngaho nyene muri Congo, iryo sanganya ry’indege ryahitanye abantu bagera kuri batandatu, abo nabo bakaba bari muriyo ndege.
Mwomenya kw’iyo ndege yo mu bwoko bwa Antonov 4 ASS, yari ije iva mu gihugu c’ubuganda aho yagenda igana igisagara ca Pointe-Noire muri Congo, ibanje guhitana ingenzi ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Kugera ubu, nta muntu arashobora kumenya ishirahamwe iyo ngede ikorera canke amidondoro yabari muriyo.
Alida SABITEKA
Messages
30 Kigarama 2014, 14:37, par claire
ni kuvuga ko harimwo abarokotse? I BANGAHE? kuki mutanga inkuru en moitié?????
30 Kigarama 2014, 17:41, par None?
Mwarikuvuga ngo: Indenge yagize isanganya atimubantu baribayurimwo bashika ........batandatu bapfuye, urumvanyene tunyotewe kumenya kohariho abarokotse uvuzabapfuyegusa inkuruntiba ikwiye.
30 Kigarama 2014, 18:43, par Nwari
Yarivuye rero muburundi nukuraba neza ko atamuntu atavuga rumwe na reta kuko dd ntigira umutima irashobora kushiramwo bombe ??
30 Kigarama 2014, 18:46, par fire
bisigurako iyo ndege yagiriw isanganya mur congo?nigiki catumye igira isanganya?
31 Kigarama 2014, 22:47, par Manzilah
Mu bitavye Imana bose nta munyafrika yarimwo bose yari abazungu bava muri ukraine ntanumwe yarokotse navyiboneye
10 Rusama 2016, 22:26, par diyodne
poresana.konabandibataribwayijenwo ariko.hariabafabazizeukuri.nabandibazira.ububishabwabo.nonenindeyomenyaintegurobaribafse.dûkwiyegûkorainezatukiriho.kugiratuzoronkinperanwijurudukwiyekwiyeza.kukontawuzùmusi.casa.kubabùzeababo.porsana