Accueil > Amakuru > Ruyigi:Abanyamwema bahunze ubwicanyi bubarondera baribagiwe
Ruyigi:Abanyamwema bahunze ubwicanyi bubarondera baribagiwe
samedi 15 Kigarama 2012
Abanyamwema 7 bo muri komine Bweru intara ya Ruyigi, haraheze umwaka urenga bahungiye ku mugwa mukuru wa komine. Bahunze ubwicanyi bubarondera ku mitumba.Ubu basa n’abibagiriweyo kuko atawubagarukirako. N’inzu yabo yarabomaguritse.
Abo banyamwema 7 bagizwe n’abagabo 2, abagore 2 n’abana 3 b’abahungu biga mu mashure matomato. Bahunze uruhigi rwabarondera inyuma yaho abarenga 10 biciwe n’abagizi ba nabi. Ubu bari ku mugwa mukuru wa komine yabo Bweru intara ya Ruyigi,bahamaze umwaka urenga ariko babayeho nabi kuko atawubagarukirako.
Komine yabahaye inzu ariko ubu yarabomaguritse. Inzara nayo ni yose kuko batagira aho barima. Kugira bafungure, bakora ubuzi bubayabaye mu babanyi babo. Bemeza ko bashobora kumara umusi ataco bahereje umunwa, kenshi ngo barya rimwe ku kumunsi.
Umunyamabanga wa komine Isidore Mudende avuga ko komine ibizi kandi ko bikenewe ko abo banyamwema bimurirwa mukindi kibanza hari inzu nziza. Ariko naho biri uko, Isidore Mudende avuga ko ata buryo komine ifise bwo gukora ico gikorwa. Yemeza ko kuvyerekeye ibifungurwa, komine ihora iha imfashanyo abo ba nyamene rimwe na rimwe naho bidakwira. Atera akamo amashirahamwe atabara imbabare kwitaho abo bantu basigaye ari ba ntaho nikora kubera urukoba rw’abo kugira bahabwe imfungurwa n’imbuto zo gutera mu mirima.
Kazungu Kassim arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi amenyesha ko afadikanije n’ayandi mashirahamwe, bariko baruka inzu nziza ifise ivyumba bitatu ku mugwa mukuru wa komine Bweru. Abo banyamwema ngo niho bazoca baja kuhaba mu kurindira ko basubira mu mihana iwabo. Avuga ko ishirahamwe ry’abanyamwema ryaronse imfashanyo y’itoni imwe y’umuceri yatanzwe n’ubushikiranganji bw’ugufatana munda. Kazungu Kassim yavuze ko iyo mfashanyo igenewe abanyamwema bose bo mu Burundi. Asaba n’abandi bagira neza kwitaho abanyamwema mu kubaha imfashanyo y’imfungurwa, imiti bakeneye, inkofero zo kwambara ku zuba, amarori akingira izuba, amavuta yo kwisiga akingira urukoba n’ibindi.
Kuva mu mwaka w’2008 abanyamwema batanguye guhirwa bunyamaswa ngo bicwe, abashika 18 baramaze kwicwa. Abagirizwa ico caha bamwe baracafunzwe abandi baratorotse. Ishirahamwe ry’abanyamwema ribona ko ico caha kidahanwa bihagije kugira ako kabi gatuzwe burundu.
Pierre Claver Niyonkuru