IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Syria: Imishikirano n’abarwanyi ntikibaye ntikibaye

Syria: Imishikirano n’abarwanyi ntikibaye ntikibaye

mercredi 5 Ruheshi 2013

Igisoda gishyigikiye Leta ya Syria cigaruriye igisagara gikomeye ca Qusair inyuma y’indwano yamaze indwi zibibiri.

Igisoda ca Leta ya Syria gifashijwe n’abarwanyi ba Hezbollah bo muri Libani muri izo ndwano cafashe ico gisagara ca Qusair. Damasiko yavuze ko ari itsinzi ikomeye.
Abarwanyi bavuze ko bavuye muri ico gisagarai mw’ijoro. Ico gisagara kiri hafi y’urubibe rwa Libani.

Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu n’umuryango w’abarabu muri Syria, Lakhdar Brahimi, yavuze ko inama yaritegekanijwe kubera i Geneve muri uku kwezi igahuza impande zose zirwana muri Syria itakibaye.

Brahimi yavuze ko ata ruhande na rumwe mu zirwana muri Syria rwemeye kuja muri iyo mishikirano, avuga rero ko bizeye ko izoba mu kwezi gutaha kwa Mukakaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.