Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tuniziya:Abanyagihugu bavuga ko atakarusho inyuma ya Perezida Ben (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Tuniziya:Abanyagihugu bavuga ko atakarusho inyuma ya Perezida Ben (...)

Tuniziya:Abanyagihugu bavuga ko atakarusho inyuma ya Perezida Ben Ali

mardi 18 Kigarama 2012

Kuri uyu wa mbere itariki 17 niho abanyagihugu bo muri Tuniziya bibuka imyaka ibiri irangiye uwahoze arongoye ico gihugu zine-el Abidine Ben Ali akombowe.

Vyose vyatanguriye mu gisagara citwa Sidi Bouzid aho umusore yitwa Mohamed Bouazizi yakubitwa ikofe n’umupolisikazi akamutesha utwamwa yagenza mw’ibarabara. Uwo musore naho yadandaza ivyamwa yari yarize gushika mbere muri kaminuza ariko kubera ubukene bw’akazi yari yahisemwo kuja kwidandariza ivyo vyamwa. Ico gihe agashavu kaciye kamutwara aca yiyahuza umuriro. Kuva iyo tariki haciye ahaba imigumuko mu gihugu cose abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi bwa Ben Ali kuko bavuga ko bubahagaze mu nda kandi ata kintu na kimwe buriko burakora kugira ubuzima bw’abanyagihugu bwisununure.

Perezida Ben Ali yahavuye ata aromoka ahungira Arabiya Saoudite na bamwe mu muryango wiwe mbere incuro nyinshi amagara yiwe yarabangamiwe bikavugwa ko agwaye umutima.

Abanyagihugu bateye imigumuko gushika aho ubutegetsi bwa Ben Ali buta bukomoka bari bizeye ko hazoca haboneka agahengwe uwo mugabo n’intwaro yiwe bikombowe burundu. Ariko rero ivyo bari bizigiye ntivyahavuye biba kuko naho hahavuye haba amatora y’abashingamateka hagashingwa na Reta nshasha ata kintu kiboneka cahindutse mu mibereho n’ubuzima bwa minsi yose y’abanyagihugu bo muri Tuniziya.

Kuri uyu wa mbere aho bibuka imyaka ibiri irumanye Ben Ali ataye akomoka bamenyesheje ko ata kintu na kimwe bungutse kiretse ko ubu umwe wese ashobora gushikiriza akamubakiye ku mutima bimwe bita « liberté d’expression » mu rurimi rw’igifaransa. Nk’uko bishikirizwa na Rochdi Horchani, umurimyi wo muri Sidi Bouzid akaba na mwene sewabo na Mohamed Bouazizi ngo abanyagihugu bo murako gace kari ku bilometero biri hagati ya mirongo itandatu na mirongo irindwi uvuye ku mugwa mukuru Tunis baracabayeho nk’uko vyari vyifashe mu myaka ibiri iheze.

Amenyesha ko abashomeri n’ubu bakiri umurengera atahubwo nibaza ko boba barongerekanye, abanyeshule baheza amashule bakabura akazi nabone ngo ni injojo, eka ubukene ngo buvuza uruhwa nk’uko vyari ku ntwaro ya Ben Ali. Agira ati : « Birababaje kubona icatumye Mohamed Bouazizi yiyahura n’ubu bikihari. Ibiciro bihinduka uko bukeye uko bwije. Ego umuntu arashobora kwidagadura agashikiriza ingorane ziwe n’ivyabona bitagenda neza ariko rero amajambo yonyene umuntu avuga ntashobora kumutuma abaho ».

Abanyagihugu benshi bo mu gisagara ca Sidi Bouzid mbere uyu musi ntibaroye kwibuka imyaka ibiri iheze Bel Ali akombowe. Bashatse kwerekana akababaro kabo, abagera kuri cumi bari mu bajejwe gutegura ibirori bashimye gutanga imihoho, biyamiriza ukwivanga gukomeye kw’umugambwe Ennahda watsinze amatora yo kuwa 23 Gitugutu 2011 mw’itunganywa ry’ibirori vyo kuri uyu wa 17 Kigarama 21012.

Amashirahamwe mpuzamakungu atanga amanota mu vyerekeye ubutunzi amaze igihe aha amanota make rwose ico gihugu ca Tuniziya . Abahinga mu vy’ubutunzi bahanura ico gihugu gushiraho inzego zizewe na bose kugira abanyamahanga bazane imitahe ari benshi kandi n’aba mukera rugendo basubire kuja murico gihugu ari benshi gutyo ubutunzi busubire kwisununura.

Imigumuko yatanguriye muri Tuniziya yahavuye itandukira ibindi bihugu vy’abarabu nka Libiya, Yemen, Misiri n’ahandi hatibagiwe Siriya aho n’ubu intamabara zikibica bigacika hagati y’abagwanya ubutegetsi bwa Bashar El Assad n’abasirikare bakimuyoboka.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.