IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi bwiteguriye gushira mu ngiro amasezerano y’i Kampala yerekeye (...)

U Burundi bwiteguriye gushira mu ngiro amasezerano y’i Kampala yerekeye amabi akoregwa abakenyezi

samedi 22 Kigarama 2012

Uruganda rwo kurabira hamwe amasezerano y’i Kampala n’ay’ibihugu bihurikiye mu karere k’ibigyaga binini yaratunganijwe ku musi wa kane igenekekerezo rya 2o Kigarama 2012.Hari muntumbero yo gusubira kwiyemeza gukinga no kugwanya ihohoterwa rigirigwa abana n’abakenyezi.

Mwijambo ryiwe,uwaserukiye ubushikiranganji bwo gufatanamunda,agateka kazina muntu no kunganisha ibitsina,yamenyesheje yuko intumbero y’urwo ruganda ari ukurabira hamwe amasezerano yafundikiwe i Kampala hamwe n’ivyafundikiwe mu nama y’akarere CIRGL kuvyerekeye ifatwa kunguvu.«Ati n’akaryo ko kuraba ingene ico kiza cogwanywa mugutora umuti urama».

Yarongeye aranamenyesha ko Reta y’u Burundi yamaze kwiyemeza kugwanya amabi afatiye ku gitsina kuko yamaze gushiraho itegeko mpanavyaha kubakora ayo mabi nk’uko biri mw’itegeko ryo kuwa 29 Ndamukiza 2011.Ngo haranubatswe kandi mu ntara ya Gitega ikigo «Humura» cakira kikongera kigafasaha abahuye n’ivyago vyo gufatwa ku nguvu.

Kubwa Soline Rubuka arongoye rw’abakenyezi CAFOB ngo abegwa n’ico kibazo bose babwirizwa gufata ingingo zotuma ayo mabi akoregwa abakenyezi n’abana atuzwa. Kubwiwe ngo igikenewe n’ugushira mungiro ingingo zimwe zimwe ziri muvyafunditswe muri CIRGL , nk’ingingo zivuga y’uko uwagiriwe n’icaha nk’ico yohanwa vy’akarorero akongera akagaragazwa ,muri izo ngingo harimwo kandi no gushiraho ikigega kizofasha abafashwe ku nguvu .

Urunani CAFOB rero ngo ikaba yiteze ko ibihugu vyashize umukono kuri ayo masezerano uko ari abiri ,bizoshira mungiro ivyo vyiyemeje ,iranasaba Reta ko ibiri muri ayo masezerano vyoshirwa mw’itegeko ry’u Burundi rigwanya amabi afayiye ku gitsina.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.