Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’indero bushaka guhana abigisha batatanze amanota y’igice (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubushikiranganji bw’indero bushaka guhana abigisha batatanze amanota y’igice (...)

Ubushikiranganji bw’indero bushaka guhana abigisha batatanze amanota y’igice ca mbere

jeudi 10 Nzero 2013

Amasendika ane y’abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye CONAPES, STEB,SLEB na SYNAPP yaranse gutanga amanota y’abanyeshure. Ubushikiranganji bw’indero buvuga ko bugiye kubafatira ibihano ariko abo bigisha nabo bavuga ko batazohesha.

Mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama umwaka uheze w’2012 abanyeshure mu mashure matomato n’ayisumbuye ntamanota y’igice ca mbere batahanye. No muntango y’igice ca kabiri ntamanota baronse. Abarimu bavuze ko badashobora gutanga ayo manota, biyamiriza ingene politike yo kunganisha imishahara iriko irakorwa. Ngo ayo masendika ntiyagishijwe inama kandi ngo ariyo aserukira ibice birnga 80 vy’abakozi ba Reta begwa n’iyo poilitike.

Reta yafashe ingingo ko abarimu batatanze amanota bazohanwa. Anatole Niyonkuru,umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero, amenyesha ko ivyo abo bigisha basaba ata shingiro bifise. Avuga ko ikibazo co kunganisha imishahara kitaraba abigisha gusa, ngo ntivyumvikana ingene aribo bonyene bogira amakenga.

Ubushikiranganji bw’indero n’ubw’abakozi ba Reta bwamenyesheje ko politike yo kunganisha imishahara mu bakozi ba Reta idashobora guhagarara. Ngo ingene bizokorwa, abakozi bahembwa amafaranga menshi bazokurwako uturusho bahora bahoronka hanyuma ayo mafaranga ahabwe abakozi bahembwa make.
Abigisha co kimwe n’abaforoma bamenyesha ko ataho vyabonetse mu mategeko mpuzamakungu y’akazi ko umukozi yakwa uturusho twamaze kuja ku mushahara kandi atamakosa yakoze.

Abigisha bavuga ko badashobora gutinya ingingo y’ubushikiranganji bw’indero. Ngo ntibarota batanga amanota y’abanyeshure. Basaba Reta kubanza kwemera ibiganiro.
Abanyeshure nabo bamaze kwanka kwiga bataronse amanita y’igice ca mbere. Bavuga ko atamwete bogira batazi umwimbu w’igice ca mbere.

kwifoto: Emmanuel Mashandari, arongoye CONAPES


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.