IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwemeza ko umutekano wifashe (...)

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwemeza ko umutekano wifashe neza

mardi 18 Kigarama 2012

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaratunganije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 kigarama 2012 uruganda rwo kumenyesha uko umutekano wifashe muri kino gihe. Abari bitavye baboneyeho akaryo ko guhanahana ivyiyumviro ku bibazo bihanze umutekano w’igihugu na cane cane ibijanye no gutunganya gushasha urwo rwego.

Nk’uko yabimenyesheje mw’ijambo ryo kwugurura urwo ruganda, umushikiranganji wo kwivuna abansi yamenyeshejeko urwo ruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo kumenyesha abatowe aho ibikorwa bijanye no kwihweza gushasha aho ibijanye n’umutekano bigeze, yaramenyesheje kandi ko ihinduka riri mu rwego rw’igisirikare ryaje mu ntumbero yo kwihweza uko botunganya igisata c’umutekano.
Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka kandi n’abashingamateka bari mu murwi uraba ivyo umutekano hamwe n’abandi bari mu murwi uraba ibijanye n’ubutunzi mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.

Abo bagize iyo mirwi bakaba bari batumiwe ngo bakurikirane ibibazo vyashizwe imbere n’umuhanuzi mu vya Politike mu bushikiranganji bw’umutekano General de brigade Cyprien Ndikuriyo,ivyo bibazo bikaba ari ibijanye n’ihindurwa ry’urwego rw’umutekano bafatiye na cane cane ku bijanye n’ibibazo ruhangana narwo, kurushiramwo ubuhinga bwa none,kurushikiriza uburyo bukenewe mu gushira mu ngiro ibikorwa urwo rwego rufise.

Umushikiranganji Gaciyubwenge akaba yamenyesheje ko ata buryo mu mafaranga, ihangiro umurwi uraba ivyo umutekano wihaye udashobora kurishikako, yaramenyesheje kandi ko kuba abashingamateka bitavye ivyo bikorwa ari ikimenyetso ko bashigikiye uwo mugambi.

Muri make rero abashikirije ivyiyumviro barerekanye uruhara ntangere rwo kumenyesha abanyagihugu uko urwego rw’umutekano rukora. Aha abashingamateka bakaba basabwe gukora ibishoboka kugira bige uburyo buzokoreshwa na nyarirya amafaranga yagenewe ubushikiranganji bw’umutekano atokwira yonyene.

kw’ifoto
: Gn Major Pontien Gciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.