IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Ubushinwa bwagirizwa ubusuma munyabwonko (Ordinateur)

Ubushinwa bwagirizwa ubusuma munyabwonko (Ordinateur)

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe ryitwa Mandiat ryo muri leta zunze ubumwe z’Amerika karuhariwe mukurinda ibibitse mu Nyabwonko (Ordinateur) yamenyesheje ko yikeka ko hari abakuru mugisirikare c’ubushinwa bari inyuma yibikorwa vyokwinjira muburyo butemewe n’amategeko munyabwonko zikoreshwa namashirahamwe amwe amwe hirya no hino kwisi cane cane ayo muri leta zunze ubumwe z’Amerika.

Iperereza ryiryoshirahamwe ryasanze ivyo bikorwa bishobora kuba bikorerwa mwigorofa irimugisagara ca Shanghai kandiko yikeka ko umukuru wa 61398 mu ngabo z’ubushinwa yivye ibintu bibitse muri za mudasobwa bingana na terebayite (terabytes)amajana.

Umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu w’ubushinwa yamenyesheje ko ivyo iryoshirahamwe rivuga bidafise ibivyemeza.


Dorine Irambona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.