Accueil > Amakuru > Ukurahira kw’abategetsi mu gifaransa kurashavuza abakunzi b’ikirundi
Ukurahira kw’abategetsi mu gifaransa kurashavuza abakunzi b’ikirundi
jeudi 20 Kigarama 2012
Abategetsi mu Burundi iyo bagira batangure amabanga yabo barahira mu rurimi rw’igifaransa. Ivyo birashavuza abatari bake kuko ururimi rukoreshwa kandi rwumwa ari ikirundi.akarorero ka hagufi n’akabagize umugwi CENI barahiye mu gifaransa.Aize ikirundi agashavu ni kose.
Mugenzi wacu wo mu kinyamakuru Net Press agira ati inyuma yaho ku munsi wa mbere abagize umugwi ujejwe gutegura amatora yo mu mwaka 2015 CENI barahiriye, ngo umutima wa patiri Ntahokaja yanonosoye icigwa c’ikirundi warasimvye yumvise ko Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CENI n’abagenzi we barahiye mu gifaransa. Agatanganzwa n’iyo nyifato mu gihe abarahiye bose bavuga ikirundi kandi bariko babibwira abarundi imbere y’umukuru w’igihugu c’u Burundi, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi bategetsi bavuga kandi batahura neza ikirundi.
Naho boba babigize gutryo kubera ivyo birori hari hatumiwemwo uwuserukira igihugu c’u Bufaransa n’abandi banyamahanga baserukira ibihugu vyabo ngaha mu Burundi, ngo biguma ari gutesha agaciro ururimi rwacu kuko ngo inama nshingamateka y’u Burundi ntiyari kubura amahera yo kuriha abahinga babasigura ibivuzwe bagirako nk’umuyi w’igisahira.
Léonard Nyangoma nawe arongoye umugambwe CNDD ngo aho ari m’ubuhungiro inyuma y’igihugu ngo agashavu gategerezwa kuba ari kenshi. Uwo yahoze ari umushingamateka kuva mu mwaka 2005 gushika mu 2010, yama ariko aravuza induru ngo abashingamateka bareke kwiga amategeko m’ururimi rw’igifaransa kandi bose bavuga ikirundi. Akamo katigeze kumvirwa naho vyashika akanka gutora amategeko kubera yanditse muri urwo rurimi rwo mu mahanga.
kw’ifoto: Pierre Claver Ndayicariye, umukuru wa CENI ariko ararahira
René Dieudonné Kamaro