IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugambwe PTD uriyamiriza politike yo kunganisha imishahara

Umugambwe PTD uriyamiriza politike yo kunganisha imishahara

mercredi 5 Kigarama 2012

Umugambwe PTD Twungurunani ubona ko umugambi wa reta wo kunganisha imishahara ntakindi ugamije Atari kunzingamika imishahara y’abakozi hamwe n’inyungu zijanye n’uburusho umukozi ahabwa n’amategeko y’akazi.

Mw’itangazo umwigisha Paul Nkunzimana yasohoye kuri uyu munsi wa gatatu italike 5 kigarama kw’izina ry’umugambwe w’abakozi na Democratie PTD-Twungurunani, ngo reta y’u Burundi iriko yihutira gushira mungiro amabwire y’inzego mpuzamakungu mu vy’ubutunzi arizo Ibanki y’isi yose, ikigega FMI, n’ishirahamwe rya Buraya ariko itaravye inyungu Z’abanyagihugu. Muri iki gihe abakozi bariko basaba ko imishahara yoduzwa reta nayo ikaba iriko irategura ukunganisha imishahara, ngo ni politike igamije gukuraho uturusho dufatiye kw’iduzwa ry’umushahara riba ku mwaka ku mwaka hamwe n’iduzwa ry’amapete.

Umugambwe PTD ubona ko ivyo bigenda bizingamika abakozi bifatiye ku gufuta uturusho tujanye n’itegeko rigenga akazi(code du travail) n’amategeko agenga abakozi ba reta(statut General des fonctionnaires). Paul Nkunzimana avuga ko ivyo biva ko politike yo gushira mungiro amashirahamwe ya reta mu minwe yabikorera utwabo yama ituma uburyo bwa reta bugabanuka. Ikindi ngo iyo politike ituma abanyagihugu barwa mu mporero bakongera bakishura ivyo batariye kubera ingorane z’intwaro iba ifatiye kumaronko. Ingaruka mbi ikaba ari iyongerakana ry’ubukene n’ubushomeri mu gihugu. PTD Twungurunani umenyesha kandi ko kugirango abanyagihugu batezurirwe mu bukene n’ubushomeri barimwo, hakenewe ko abakozi n’amashirahamwe bahagurukira rimwe kugirango ingene uwo mugambi wo kunganisha imishahara uriko urakorwa bihinyanyurwe. Ngo kugira bereke reta ko hageze ko imishahara iduzwa gushika kurugero gw’ibiciro vya none.

Ngo harakenewe bimwe vyihuta guhagarika iyo politike yo gushira amatungo ya reta muminwe y’abikorera utwabo no kugarukana amatungo yose ya reta yegukiye abikorera utwabo hatibagiwe ayanyurujwe.

Iryo tangazo rikaba ryasohotse inyuma y’ihagarikwa ry’akazi kuva kuri uyu wa mbere ku baforoma bahurikiye muri Sendika SYNAPA basaba ko boronswa uturusho turi mamasezerano bagiriraniye na reta mu mwaka w 2009. Abaforoma biyamiriza kandi ingene kunganisha imishara biriko birakorwa kuko babona bibaha uburenganzira bamaranye igihe. Umushikiranganji w’akazi Annociata Sendazirasa aherutse kumenyesha ko reta izokwaka uturusho abakozi bahembwa menshi tugahabwa abahembwa make kugira ngo kunganisha imishahara bigende neza.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.