IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugwi CVR uzojaho mukwezi kwa Ruhuma 2013 - Petero Nkurunziza

Umugwi CVR uzojaho mukwezi kwa Ruhuma 2013 - Petero Nkurunziza

lundi 24 Kigarama 2012

Vyavuzwe n’umukuru w’igihugu ko umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR uzojaho mu kwezi kwa Ruhuma 2013. N’amafaranga uyo mugwi CVR uzokoresha ngo yarategekanijwe mu mafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013. Uzokora ku mabi yagiye arashika mu Burundi kuva mu ntambara zo mu mwaka w’1972 n’1993.

Umukuru w’igihugu yavuze ati ’’Umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi utegekanijwe n’amasezerano y’amahoro ya Arusha, wategerezwa kuba warashizweho kuva mu mwaka w’2000 ariko ntivyadukundiye. Jewe nyene nari navuze ko uzojaho imbere y’uko uyu mwaka w’2012 uhera ariko naho nyene ntivyakunze. Ubu nagira mpumurize abarundi n’amakungu ko atagihindutse mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka buca dutangura w’2013 uwo mugwi CVR uzoshirwaho kuko dushitse ku ntambwe ishimishije mu kuwushiraho’’.

Yamenyesheje kandi ko ari igikorwa kitoroshe kuko gisaba ubwitonzi ntangere. Ngo abantu bose vyega bategerezwa kubanza guterera ivyiyumviro. Aba avuga abanyagihugu, amashengero, imigambwe,amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya politike n’abandi. N’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo ryarahanuye ibitari bike kugira uwo mugwi CVR ukore neza.

Uwo mugwi CVR ufise igikorwa co kurondera ukuri ku ntambara zateye mu Burundi kuva mu mwaka w’1972 n’1993, abatumye izo ntambara ziba n’ibindi hanyuma abarundi banywane hajeho na sentare izocira imanza abakoze ubwicanyi ico bise ubutungane bw’inyuma y’intambara.

Mu kiganiro yahaye abanyagihugu ari i Ngozi ku munsi wa gatandatu uheze, umukuru w’igihugu Petro Nkurunziza yamenyesheje ko hariho n’icegeranyo cakozwe kandi cagiye ahabona cerekana ingene umugwi CVR wokora, n’inama nshingamateka na nkenguzamateka ziracunganira.

Umukuru w’igihugu yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko n’amafaranga azokoreshwa na CVR yamaze gushirwa mw’itegeko ry’ayo Reta izokoresha mu mwaka w’2013.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, amashirahamwe y’ababuze ababomu ntambara zahitiye mu Burundi n’abandi bakiri mu makambi y’impunzi babona ko uwo mugwi watevye kujaho.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu cegeranyo ca mu mwaka w’1996 rivuga ko mu ntambara yatanguye mu mwaka w’1993 abatutsi barenga ibihumbi 300 bahasize ubuzima hamwe n’abahutu batemera umugambi w’ihonyabwoko.

Kw’ifoto:Icibutso c’i Kibimba ahiciwe abanyeshure b’abatutsi barenga 70


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.