Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi Dr Jack yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima n’akazi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Dr Jack yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima n’akazi (...)

Umuhinyanyuzi Dr Jack yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima n’akazi vyiwe

samedi 8 Munyonyo 2014

Umuhinyanyuzi Dr Jack yasezeye isi, amaziko yiwe ntaramenyekana aho azobera kuko barindiriye ingingo iva mu Rwanda iyo avuka. Amwe mu mateka yiwe nk’umuhinyanyuzi.

Uwayezu Jack azwi kw'izna rya Dr Jack

Inyuma y’iminsi itari imike umuhinyanyuzi Dr Jack avuga ko arwaye, yitavye Imana mu gitondo co kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 08 Munyonyo mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori vyo mu Buyenzi ( Hopital Prince Regent Charles). Amakuru duhabwa na Kook-k yahora ari umukoresha wiwe, avuga ko muri iyo minsi iheze Dr Jack yamubwiye ko agiye kwa muganga, yumva amagara yiwe atameze neza. Jack agiye kwa muganga barabuze indwara, ariko kwitura abavuzi b’ikirundi. Amaze iminsi anywa imiti y’ikirundi, niko kwumva amagara amukitse abwira Kook-k uko amerewe, nawe amujana kwa muganga. Hari kw’igenekerezo rya 07 isaha imwe y’igitondo (07h 00). Kook-k avuga ko bagumye bavugana umunsi wose amubwira ko yumva ameze neza.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, Kook-k amaze kubaza ko yomugemurira ivyokurya, yumvise inkuru y’incamugongo ko Dr Jack yitavye Imana. Ico yashoboye kumenya n’uko Dr Jack yoba yaracomoye "serum" bari bamushizemwo, ariyo ntandaro yo gupfa kwiwe.

Bimwe mu vyaranze ubuzima bwa Dr Jack nk’umuhinyanyuzi

Uwayezu Jack yari azwi kw’itazirano rya Dr Jack . Yavukiye mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’1982. Yakoze mu nzu z’ubuhinyanyuzi zitandukanye aho mu Rwanda, aho yaronkeye n’agashimwe ka Salax Awards mu mwaka w’2008, nk’umuhinyanyuzi mwiza w’umwaka. Aho mu Rwanda yarakoranye na Kook muri F2K, yakoze muri Ubuntu Records imbere y’uko aja gukorera i Bukavu. Kook -k amaze kwugurura inzu y’ubuhinynyuzi Golden Record, yaciye atumako Dr Jack amukura i Bukavu maze barakorana.

Zimwe mu ndirimbo yakoze zamenyekanye cane.

Dr Jack arazwi cane mu ndirimbo zitari nke yakoze haba mu Burundi canke Rwanda. Dr Jack yakoze indirimbo : Amahirwe ya nyuma ya De Ben, indirimbo zitari nke z’umurwi Urban Boyz. Mu Burundi ari naho azwi cane yakoze indirimbo : What’s my name ya Fizzo, Changu ni changu ya Patient Matabaro na R Flow, Promise ya Ellyz Boy, Nkorako ya Ashley, za Sat B, za King Plata n’izindi nyinshi tutadondaguye.

Kook-k avuga ko yarakoranye na Dr Jack ikiringo kingana umwaka n’igice, amuzi kuva bakibana mu Rwanda ko yari umukozi mwiza. Apfuye ari umusore ariko biravugwa ko yoba afise abana. Ico Koo-k ataramenya neza, ni amaziko y’uwo muhinyanyuzi kuko barindiriye ingingo zifatwa n’umuryango wiwe wo mu Rwanda.

Duti :"Imana imwakire mu Bwami bwayo".

Amwe mu mafoto yiwe :

Umvirize ururirimbo "Changu ni changu" Patient Matabaro na R Flow rwakozwe na Dr Jack


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.