Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukozi w’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi yahitanywe n’umuyagankuba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukozi w’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi yahitanywe n’umuyagankuba

Umukozi w’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi yahitanywe n’umuyagankuba

jeudi 17 Nzero 2013

Umuyagankuba wihaye inkumbi kuri uyu wa gatatu mu buserukizi bwa Amerika mu Burundi. Uwahasize ubuzina ava mu gihugu ca Afirika y’epho.

Intangazo ry’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi rimenyesha ko uwo mukozi avuka mu gihugu ca Reta ya Afiirika y’epfo yarajejwe gukurikirana ubuhinga bw’umuyagankuba muri iyo ambasadi iri mu Kigobe i Bujumbura.

Umuyagankuba ukaba wamwishe ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013 nk’isaha zitandatu zo k’umurango. Rudi De Waard yitavye Imana afise imyaka 33 y’amavuka akaba yari ngaha mu Burundi vyimfata kibanza ku mvo z’akazi.

Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bukaba buhoza umuryango wabuze. Burongera bukamenyesha ko bugiye kubandanya amatohoza kuri iryo sanganya.


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.