IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru wa OLUCOME asaba abategetsi kwibuka ko igihugu gikenye

Umukuru wa OLUCOME asaba abategetsi kwibuka ko igihugu gikenye

lundi 13 Rusama 2013

Mu gihe abarundi isinzi bugarijwe n’ubukene, ishirahamwe rijejwe kurwanya abarya igiturire n’abanyuruza itunga ry’igihugu, OLUCOME ryasohoye itangazo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Rusama 2013, aho banegura ingingo zimwe zimwe zifatwa n’abagize Leta y’uburundi, zigaha uturusho bamwe mu bagize Leta, bagatunga vy’umurengera kandi hari abarundi benshi bari mu buzima butoroshe.

Mu kiganiniro uwurongoye iryo shirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Gabriel Rufyiri yatanze akarorero k’itegeko numero 540/1486/2013 ryo kuwa 06 Rusama 2013 riheruka guterwako umukono n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta.

Iryo tegeko ritanga uburenganzira bwo gusohora amafaranga y’amarundi agera ku miliyoni amajana abiri n’icenda n’ibihumbi amajana ane na mirongo itanu (209 450 000) yo kugura imiduga ibiri y’ivyegera bibiri vy’umukuru w’inama nkenguzamateka, kandi bari bategekanije ko yoguzwe imiliyoni mirongo itatu n’icenda n’ibihumbi amajana ane na mirongo itanu(39 450 000) . Gabriel Rufyiri amenyesha ko ayo mafaranga ari umurengera kuko iyo miduga ata kori iriha.

Ivyo biri uko mu gihe mu Burundi batanguje umugambi wo kugabanya igitigiri c’imiduga ya Leta « Charroi zéro ». Umukuru wa OLUCOME agasaba ko ayo mafaranga yoguzwe iyo miduga yokoreshwa mu bindi bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu, hanyuma ivyo vyegera vy’umukuru w’inama nkenguzamateka bigahabwa imwe muri iyo miduga ya Leta iriko igurishwa ku mahera make cane kubera umugambi wa « charroi zéro »

Yisunze ubukene igihugu kirimwo, Gabriel Rufyiri aranegura kandi inyifato yo gushaka kubaho birengeye uburyo bw’igihugu. Ku bwiwe, igihugu giharurwa muri bitatu vya mbere bikenye kw’isi ntikiba gikwiye kugura umuduga w’agaciro k’amafaranga angana imiliyoni ijana.

Yarangiza asaba umushikiranganji w’ikigega ca Leta guhagarika iyo ngingo


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.