Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyeshamakuru abwirizwa kuba ijisho n’ugutwi kw’umunyagihugu - Club de la (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru abwirizwa kuba ijisho n’ugutwi kw’umunyagihugu - Club de la (...)

Umumenyeshamakuru abwirizwa kuba ijisho n’ugutwi kw’umunyagihugu - Club de la Presse

lundi 3 Kigarama 2012

Umumenyeshamakuru ahari hose ategerezwa kuvuga ukuri adatinya uyu canke uriya. Iterabwoba rirashobora kuba kuri we kuko amakuru ntiyama aryohera bose cane cane abavugwamwo. Iyo niyo y’ikiganiro Club de la presse inyuma yaho hari umumenyeshamakuru w’iradiyo RPA mu ntara ya Gitega aterewe ubwoba, akavyuka asanga amaraso imbere y’inzu yiwe

Kubwa Jacques Bukuru arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru kw’ iradiyo y’igihugu, umumenyeshamakuru abwirizwa kubwira ukuri umwenegihugu. Ivyo yabishikirije inyuma yaho umumenyeshamakuru w’iradyo RPA i Gitega Gerard Nibigira avyutse asanga urugo rwiwe rukikujwe n’amaraso.

Nkuko vyashikirijwe na Jacques Bukuru ico kibazo si ico gufata minenerwe kuko kiraba umutekano w’abamenyeshamakuru bose, abandanya asaba ko abarongoye inganda zo kumenyesha amakuru bofatira kuvyashikiye Gerard Nibigira mu gukurikiranira hafi umutekano w’abamenyeshamakuru bakorera hagati mu gihugu.

Kubwa Andre Palice Ndimurukundo umumenyeshamakuru wa RPA, ivyashikiye umumenyeshamakuru Gerard Nibigira bifise intumbero yo kubuza abamenyeshamakuru mu bwigenge ariko agasaba abamenyeshamakuru ko ivyo bitobaca ivutu ahubwo babwirizwa kubimenyera kuko igihe cose bazoba bashikirije amakuru akora ku nyungu z’abantu bakomeye mu gihugu ivyo bizokwamaho.

Kubwa Hugue Nkengurutse umumenyeshamakuru ku mboneshakure Renaissance, ibintu vyabaye ku mumenyeshamakuru Gerard Nibigira vyerekana ko n’amaraso y’abamenyeshamakuru ashobora guseseka, eka mbere n’urwego rucungera uko ibimenyeshamakuru bikora mu u Burundi( CNC) rwatateye ivyatsi ivyo vyashikiye Gerard Nibigira. Kubwiwe kandi izindi nzego z’igihugu zari zikwiye kugira ico zibivuzeko ku buryo bugaragara. Aha rero ntaworeka kugira ubwoba na nyarirya mu myaka ibiri iri imbere hazoba hegereje igihe c’amatora ico gihe naco kikaba ari igihe kigoye cane. Aha rero akaba ari akaryo ko kumenyesha abanyagihugu ko nabo bakwiye kugira ico bakoze kugira inkuru bafitiye uburenganzira zibashikire.

Pierre Claver Nsengiyumva umumenyeshamakuru mu kinyamakuru Iwacu amenyeshako hari ugufata igikorwa c’umumenyeshamakuru ukwo kitari kuko umumenyeshamakuru ataco yikurira mu mutwe ahubwo amenyesha ivyabaye. Kubwiwe uwarenganijwe arashobora kwitura inzego zibijejwe kugira zimutunganirize, yongera kandi ko abana ba Gerard Nibigira bahohotewe kandi ko bibandanije ukwo umuntu ashobora kubona nibirenze ivyo.

Ivyo vyose babivugiye mu kiganiro citwa ‘’Club de la presse’’ kica ku maradiyo n’imboneshakure. Gikorwa n’ishirahamwe ry’abafaransa Institut Panos Paris.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.