IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru w’umufaransa Erik Izraelewicz yapfuye

Umumenyeshamakuru w’umufaransa Erik Izraelewicz yapfuye

jeudi 29 Munyonyo 2012

Kuruyu wa gatatu abamenyahamakuru bo kwisi yose baguye mu gahundwe aho bamenyeye ko Erik Israelewicz yitavy’Imana.

Ku myaka yiwe 58 yaramaze avutse, Erik Israelewicz yararongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru mukinyamakuru kuva mukwezi kwa kabiri umwaka w’2011. Uwo muhisi kandi yarigeze kurongora ibinyamakuru bisohoka ku musi ku musi nka Les Echos na Le Tribune.

Kumusi wa kabiri Erik Israeliwicz yafatiwe kukazi aho yariko arangurira imirimo yiwe yamsi yose,baraheza bamujana mu bitaro vyitwa SALPETRIERE ,aho yaciye acikanira kumugoroba wo kuri uyo wa kabirinyene.

Ku bw’ibimenyeshamakuru vyo kw’isi ,mu myaka 68 iheze kw’isi hagiye haba ibibazo ,intambara, ingorane ariko ntihari bwabe inkuru y’incamugongo kandi yababaje abantu nkurwo rupfu nk’uko vyatangajwe n’ishyirahamwe ry’abanditsi b’amakuru kw’isi.
Uruganda rwo kumenyesha amakuru rwarababajwe cyane nurwo rupfu nkuko vyamenyeshejwe n’umumenyeshamakuru wo kuri AFP Louis Dreyfus.

Umukuru w’uruganda rwo kumenyesha amakuru kuri LE MONDE mubutumwa yarungikiye abandi bamenyeshamakuru kurubuga rw’ingurukana bumenyi yagize ati “ uyu yari muri bake bashobora gufatanya umwuga ,ubuhinga,ubwigenge akanabihagararira”.

Kubwa Sylvie Kauffman umukuru w’uruganda rwo kumenyesha amakuru kuri LE MONDE ngo :”Ni umubabaro mwinshi kuko ikinyamakuru yararongoye ni ikinyamakuru gikundwa kandi gihuza abantu gutyo bikabafasha gutera imbere”.
Kubw’ urwo ruganda ,ivyaranze umuhisi kuribo yari umukozi akundaibikorwa,afise ingabire ikomeye,afise ivyiyumviro bishika kure ,afise ubwenge bwo gutohoza inkuru.

Kuberako yari umuntu wakarorero urupfu rwiwe benshi baragize ico baruvugako ,umukuru w’igihugu c’u Bufaransa François Hollande nawenyene yavuze ko bibabaje kandi umwuga wo kumenyeshamakuru mu gihugu ciwe uhomvye umuntu akomeye.


Mugisha V.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.