Accueil > Amakuru > Umutwakazi aracafise ingorane zo kuja mu nzego zifata ingingo mu (...)
Umutwakazi aracafise ingorane zo kuja mu nzego zifata ingingo mu Burundi
samedi 28 Kigarama 2013
Umugore w’umutwakazi aracafise ingorane yo guhabwa ikibanza mu nzego zifata ingingo mu gihugu. Ivyo kubera amategeko atari make akoreshwa mu Burundi ataho yorohereza umugore w’umutwakazi guhabwa ikibanza nk’abandi barundikazi bose. Ivyo bikaba vyavugiwe mu ruganda rwatunganijwe na UNIPROBA hamwe na ONU Femme.
Ishirahamwe ryishinze guteza imbere abatwa, UNIPROBA, rifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abakenyeza, ONU Femme, ryaratunganije uruganda rwo kwigirahamwe uko umukenyezi w’umutwa yohabwa ikibanza mu nzego z’igihugu nk’abandi bakenyezi b’abarundi. Urwo ruganda rukaba rwari rwatumiwemwo abakenguzamateka hamwe n’abaserukira ubushikiranganji butandukanye.
Ku bwabo bakenguzamateka n’abaserukiye ubushikiranganji butandukanye, biracagoye ko umukenyezi w’umutwakazi ahabwa ikibanza gishemeye mu nzego zifata ingingo mu gihugu. Ivyo bikaba rero bikizirikiwe mu mategeko menshi ngenderwako y’igihugu atorohereza abagore babatwakazi.
- Riberata Nicayenzi, Umukenguzamateka w’umutwakazi
Umukenguzamateka w’umutwakazi, Riberata Nicayenzi, umwe mubatunganije irwo ruganda, amenyesha ko batumiye abakenguzamateka hamwe n’abanyamategeko kuko aribo bashobora guhindura ibintu, na cane cane amategeko kugira umugore w’umutwakazi ahabwe ijambo mu nzego zitandukanye z’igihugu. Ndetse abo bashingamategeko bakaba bahimirizwa kugira begere abatwakazi kugira bano biyugurure maze batangure kwitaho kuja no mu migambwe.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abakenyeze, ONU Femme, rikaba ryamenyesheje ko rizoshigikira inganda nkizo kugira umukenyezi w’umutwakazi ashobore kugira ijambo mu gihugu. Inganda nkizo zizotunganwa ku bamenyeshamakuru n’abandi bashobora guterera kugira umukenyezi w’umutwakazi ashobore kuja mu nzego zifata ingingo mu gihugu.
INGABIRE Luc-Noël
Messages
28 Kigarama 2013, 20:29, par Tollo
Nabo nibiremwa muntu mubahe ubwengenge bidagadure akarorero umukuru wigihungu igihe yri hano mba muri africa yepfo ngira yarabonye mangene umwirabure numuzu binjira mukibuga gusezera mandela ubwo sisomo jewe ndabona inzego zose two kwisanzura murakoze
29 Kigarama 2013, 04:10, par ######
Nicayenzi aho kuniganira ibibanza vyogufata ingingo mu gihugu noguhanura kubanza gutegura kuronka ivyo bibanza;banza uniganire inyigisho za twebwe abatwa nayo ahandi uriko uhera kusakara inzu utarubaka umushinye.jewe nshaka ko uturonderera uko twotwiga za kaminuza z’uburundi nizo hanze imbere yuko udusabira ivyo!uriko uraduhenda none bobiduhaho tuzofata ingingo iyahe dutabanje kwiga?Nyishura?
30 Ntwarante 2014, 14:17, par muhiri
Je birantangaza muvuga ngo muburundi haramahoro ukwinubana kukiriho mbe abatwa abatutsi abahutu mbe kohatwaye umututsi ijuru haraho ryahundutse riba umweru canke kohatwaye umuhutu isi yarahindutse imera ebiterwa bitahorabiba muburundi nta mututsi nta mutwa nta muhutu twese turabarundi twese jewe mba muri usa haramokoyose yomwisi twese dusangira akabisi nagahiye none mweho biterwa niki nuko abatutsi abeza canke abahutu ari beza biterwa nuka inda zabatanze imbere mutagomba kwabandi babaho reka umurundi yidegemvye niho tuzokwerera ko muburundi ko hariho amahoro
12 Munyonyo 2014, 19:57, par mukobwajana
aha abatwa mutagira umugambi !!!!Raba ingene bari mutoye ivya ba DD muri constitution...banza muronke ico murya ,muronke aho muryama,mugire iteka hanyuma muzoronka nk abandi barundi
12 Munyonyo 2014, 19:57, par mukobwajana
aha abatwa mutagira umugambi !!!!Raba ingene bari mutoye ivya ba DD muri constitution...banza muronke ico murya ,muronke aho muryama,mugire iteka hanyuma muzoronka nk abandi barundi