Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Impande zibiri zishamiranye zose mw’isiganwa ry’amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA : Impande zibiri zishamiranye zose mw’isiganwa ry’amatora

UPRONA : Impande zibiri zishamiranye zose mw’isiganwa ry’amatora

lundi 12 Nzero 2015

Mu gihe amatora mu Burundi yegereje, amashami yose y’umigambwe UPRONA ariko arayitegurira yaba iyagiriza umugambwe CNDD FDD ko ariyo yabaciriye ubunywenywe umugambwe canke uwagirizwa ko ukorana n’ubutegetsi.

Abari bitavye ikoraniro ry’umugambwe UPRONA ryo kuri uyu wa 11 Nzero, abagize komite nkuru y’uwo mugambwe yatowe mu mwaka w’2009, bakaba bamenyesheje ko bagiye kwitegurira amatora, mbere baca basaba abo basubiye gushira imbere aribo umushingamateka Karori Nditije hamwe n’umwigisha muri za kaminuza Evariste ko batosubira gusamazwa n’abo bavuga ko bari mu kwaha kwa CNDD FDD, canke umurwi uvuga ko ataho wegamiye, uwo nawo bikavugwa ko urimwo Niyoyankana Bonaventure, Therence Sinunguruza, Potien Niyongabo, Martin Nduwimana n’abandi.
Basaba abarongozi babo ko bogendera Abadasigana bose, mbere bagakomeza imigenderanire hamwe n’iyindi migambwe yose yipfuza guhindura ibintu mu gihugu.

Eka no muri UPRONA yemewe n’ubutegetsi bakavuga ko bariko bitegurira neza amatora. Gaston Sindimwo umwe mu bategetsi b’iryo baba ry’umugambwe wa Rwagasore akaba yavuze ko ku mutumba ku mutumba bariko barashiraho inzego zizotuma bitegurira amatora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe nagira nibarize uwo muhungu bita gaston sindimwo, jewe narumiwe ndamwumvise muri Kabizi ya le 9 janv 2015 ! yarubahutse avuga ko naho Rwagasore yogaruka badashobora kumusubiza umugambwe ! Iryo sibara kumutemere ! Mbe uyo munye congo yowufata nka nde ? Yibaza ngo nigiki mu mugambwe wa Rwagasore ? Erega sinzi aboba baramuhenze ko yoba ari umuhungu wiwe ! Nareke kurota azorinda agenda kurenzwa isima n’amatafari atabaye n’umunyezamu wÚmuganwa ! Turamwiyamirije !

  • MUTARENGEJE RUSIZI KA GASTON DD IZOKWAMA IFISE AHO IMENERA BARYA BI ABA DD GASTON ,CONCILIE,N ABANDI BAJA MURI BO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.