Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rwa Ernest Manirumva rwashizwe mu mwiherero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urubanza rwa Ernest Manirumva rwashizwe mu mwiherero

Urubanza rwa Ernest Manirumva rwashizwe mu mwiherero

mardi 4 Kigarama 2012

Kuri uyu wa mbere italike 3 ukwezi kwa Kigarama urubanza rwa Ernest Manirumva rwarasubiye kumvirizwa ubugira kabiri muri sentare isubiramwo imanza y’I Bujumbura. Rwaciye rushirwa mu mwiherero, uwuserukira reta yasabiye abagirizwa ibihano barimwo gufungwa umunyororo wo guherayo, abandi imyaka 20, abandi imyaka 10. Abagirizwa basvye ko sentare yobeza. Uwuburanira umuryango wabuze sentare yarabimye ijambo.

Rwatanguye kumvirizwa isaha zitanu zo mu gitondo. Joseph Ntirampeba yakora akazi k’ubunyezamu kubiro vy’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubwurozi niwe yatanguye kubazwa, uyo nawe nk’aband i baburanyi barahakana icaha co kwica Ernest Mninirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye OLUCOME.

Bagasaba ko sentare isubiramwo imanza i Bujumbura ikabeza . Ikindi bose uko ari 16 bagirizwa bahuriyeko n’ugusaba ivyemezo bikwiye vyerekana ko aribo bakoze ico caha, umushikirizamanza wa Repuburika yabwiye sentare ko atariwe yunguruje, ivyagiriji yabitanze muri sentare y’intango ahubwo abunguruje botanga ivyemeza ko bera.
Abo nabo bunguruje urubanza n’abagirizwa icaha hamwe n’bababuranira. Barerekanye ko bazira akarenganyo n’umwikeko, baca basaba ko amategeko yokurikizwa bakarekurwa kuko atacaha bagirizwa maze hakaronderwa abakoze ubwo bwicanyi bukuri aho kudendereza abataco babiziko.

JPEG - 20.2 ko

Umushikirizamanza wa Repuburika yabasabiye ibihano baciriwe na sentare y’intango . Ivyo navyo n’ugufungwa ubuzima bwabo bwose ku bantu 8, gufungwa imyaka 20 ku bantu 3 hamwe n’imyaka 10 ku bandi bantu 3.
Ikindi cibonekeje n’uko mu vyagiriji havugwa amasura ariko rero abariko baraburana basavye ko ayo masura arenguka akemeza ku mugaragaro ivyanditswe n’ibivurwa. Umushikirizamanza wa Repuburika ntavyo yemeye akavuga ko ari ku mvo z’umutekano w’amasura, ariko abo baburana bo bavuze ko ayo masura atabaho ari naco cerekana ko ivy’umushikirizamanza yashikirije atashingiro bifise.

Bose bamaze kumvirizwa sentare yaciye ishira urubanza mu mwiherero. Rukazosomwa mu kiringo kitarenga amezi abiri nk’uko amategeko abitegekanya .
Naho ibintu bisa n’ivyarangiye, kuruhande rw’umuryango wa Manirumva hamwe n’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko amategeko yahonyanzwe kuko ababuranira uwo muryango batahawe ijambo. Maitre Lambert Nsabimana aserukira OLUCOME hamwe n’umurango w’umuhisi Manirumva avuga ko vyabonetse kuva urwo rubanza rutanguye kuburanishzwa muri sentare yiyungururizo ko ruciye kubiri n’amategeko. Yamenyesheje ko bitumvikana ko sentare ibima ijambo mugihe urwo ruhande rwasaba ko amatohoza yobandanya hakongera hakarengutswa ibihangange mu gipolisi no mw’iperereza vyavuzwe n’imigwi itandukanye yatohoje kubijanya n’igandagurwa rya Manirumva cane cane igipoisi karuharwe mu matohoza FBI.

JPEG - 33.3 ko

Tubibutse ko Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, yari kandi mu mugwi w’abagize umugwi uraba ingene amasoko ya reta atangwa. Yishwe mw’ijoro ry’italike 9 ukwezi kwa Ndamukiza mu mwaka w’2009. Icatumwe yicwa n’abamwishe ntikiramenyekana. Ariko bivugwa ko yazize idosiye yariko aratohoza yerekeye isoko y’ibiharage y’ama milioni menshi mu gipolisi ngo itari ikurikije amategeko.


Rayond Nzimana

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.