Accueil > Amakuru > Uruja n’uruza k’umupaka w’u Burundi n’ibindi bihugu rugiye kworoha
Uruja n’uruza k’umupaka w’u Burundi n’ibindi bihugu rugiye kworoha
vendredi 11 Nzero 2013
Niyonzima Léonce, umwe mu bategetsi bikigo kijejwe gutoza amakori OBR, yabimenyeshereje m’uruganda rwo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 10 Nzero 2013 rwo kumenyesha aho bagejeje umugambi wo gushiraho ibiro bimwe vyogutoza amakori ku mipaka.
Ku biro bitatu bimaze kwubakwa: Gasenyi I-Nemba (Kirundo), Kobero-Kabanga (Muyinga) na Ruhwa (Cibitoke), ica mbere co nyene nico gikora gushika ubu. Niyonzima Léonce akaba amenyesha ko nivyo bindi bigiye gukora vuba aho ibiro vya Kobero-Kabanga bitegekanya gutangura gukora mu mpera z’ukwezi turimwo.
Uwo mutegetsi akaba amenyeshako iyo isuzumwa ribereye mu biro bimwe gusa bifasha uruja n’uruza k’umupaka kuko abantu n’ibintu bakoresha umwanya muto w’urugendo. Aho ubwo buryo bumaze gutangura ngo isuzumwa ribera ku biro bimwe gusa. Nk’umuntu avuye mu Burundi aja mu Rwanda ngo azosuzumirwa k’uruhande rw’u Rwanda gusa, uwuvuye mu Rwanda nawe agasuzumirwa k’uruhande rw’u Burundi gusa. Ariko mu buryo bwa kera umuntu yategerezwa guhagara ku biro vyivyo bihugu, vyose bigaca bibatwara umwanya munini w’urugendo.
OBR ngo ikaba rero yipfuza ko ubwo buryo bushasha bwokoreshwa ku biro vyose bikoreshwa mukuja mu bindi bihugu bihana urubibe n’u Burundi. Ivyo navyo ni nka Gatumba, Mugina, Manyovu na Kanyaru ya ruguru. Ariko rero ngo bakazobishikako buke buke bafashwijwe n’uburyo buvuye mu bagenzi b’u Burundi.
kw’ifoto:Mu Gasenyi, ku mupaka w’u Burundi n’u Rwanda
René Dieudonné Kamaro
Messages
13 Nzero 2013, 07:21, par umukunzi w,igihe
Mbe ko abarundi mutandika comment ni ibiki ubwo ibintu byose nuko muba mwabimye ? kandi niyo mwaba mwabishimye nabwo mw<agira icyo mubwira abanditsi canke ibyo muvuga kunkuru yanditswe. Murakoze