Hasohotse isanamu y’ururirimbo Ellyz Boy na Briallant Star bakoranye, rubaye urwa mbere uwo muririmvyi w’umurundi asohoye kuva avuye mu Burundi bivugwa ko ahunze.
"Mapenzi Safari" ni izina ry’ururirimbo rwa mbere rudushikiriye kuva umuririmvyi Ellyz Boy agiye mu mahanga, bikavugwa ko ahunze umutekano muke, inyuma yo guhakwa kwicwa yitiranijwe na Mkombozi.
Umuririmvyi Briallant Star yaririmbanye na Ellyz Boy avuka mu gihugu ca Tanzaniya ariyo n’ururirimbo rwaje ruva ku muhinyanyuzi Bakuza, (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Elly’s Boy > Amasanamu
Amasanamu
-
Isanamu ya mbere y’ururirimbo rwa Ellyz Boy akoze ari mu buhungiro yasohotse
15 Ndamukiza 2015 -
Mw’isanamu nshasha, Elly’s Boy ahanura mugenzi areke kuyinga kubera umukobwa yamuhevye
27 Nyakanga 2014Umuririmvyi Elly’s Boy yasohoye isanamu y’ururirimbo BIZOZA yakoreye mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo muririmvyi ahanura mugenziwe ko yokwihanganira ivyamushikiye kuko imbere y’ivyago ubuzima bubandanya.
Isanamu y’ururirimbo "BIZOZA" ibonekamwo Elly’s n’isuka ku rutugu avuye kurima, yagenda abwira mugenziwe Baju ko yoreka kwiyumvira cane umukobwa yamuhevye, akabura urukundo iyo rwagiye. Umuhungu agiye kuyinga Elly’s Boy akamuremesha mu majambo y’ururirimbo ati : "imbere yawe hari vyinshi bizoza". (...)