Umwigeme w’umukristu aririmba indirimbo zo gutazira no kuninahaza Imana. Akaba yiteguriye gusohora urukurikirane rwa mbere rw’indirimbo ziwe. Hakaba azoba ari kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013 mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura (IFB).
Adora Uwimana n’umuririmvyi yatanguye kuririmba akiri muto.Yari mu mwaka wa kabiri w’amashuri mato mato. Yavukiye mu muryango waba kristu kukaba nkako umuvyeyi wiwe ni umukozi w’Imana (Pasteur). Ni nawe yanamukundishije ukuririmba no gusoma ijambo ry’Imana. (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uwimana Adora > inkuru