IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 10 Mukakaro

10 Mukakaro

jeudi 10 Mukakaro 2014

Igenekerezo rya 10 Mukakaro

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1559: Marie Stuart aba umwamikazi w’ubufaransa.

1810: Abongereza bafata mu mwinwe amazinga ya Bourbon( ubu yitwa La
Réunion) na Maurice.

1890: Wyoming iba Leta ya 44 iigize Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1913: Uburusiya bumenyesha ku mugaragaro ko bugiye gutera igihugu ca Bulgariya.

1920: Arthur Meighen aba umushikiranganji wa mbere wa Canada.

1938: Howard Hughes arangiza urugendo rwo kuzunguruka umubumbe w’isi
mu ndege. Akaba yabikoze mu mwanya ungana n’amasaha 91 n’iminuta 14.
Umwanya mwiza utari bwigere ushikwako.

1940: Mu Bufaransa, repubrika ya 3 irakomborwa. Ubushobozi bwose
buhabwa Philippe Pétain. Iba intango y’intwaro ya Vichy.

1959: Muri Cambodge, Norodom Sihanouk aba umushikirananji wa mbere.

1964: Moïse Tshombe asubirira Cyrille Adoula gutwara Leta ya Congo.

1973: Hatangazwa ko Bahamas kibaye igihugu c’ikukiye.

1976: Haba isanganya ry’ihinguriro ry’i Seveso mu Buraruko
bw’Ubutariyano. Haturitse ibikono vyahingurirwamo imiti y’ugupompa
ivyatsi. Ivyi bituma hakwiragira ubumara bwonona igisenge bwitwa «
dioxines ».

1991: Boris Eltsine aba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburusiya.

1992: Uburenganzira bwo kuja mw’idini umwe wese ashatse busubira kubaho.

1992: Umu Général wo muri Panama, Manuel Noriega, acirwa urubanza rwo
upfungwa imnyaka 40.

Abazwi cane bavuste kw’igenekerezo nkiri

1509: Jean Calvin, umunyamadini w’umufaransa.

1871: Marcel Proust, umwanditsi w’umufaransa.

1902: Kurt Alder, umushakashatsi muri chimie w’umudagi yaronse
agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu 1950.

1915: Saul Bellow,umwanditsi w’umunyamerika yaronse agashimwe kitiriwe
Nobel muvyo kwandika mu 1976

1980: Jessica Simpson, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1915: Marie de Castellane, umwanditsi w’umufaransa.

2007: Zheng Xiaoyu, umunyapolitike w’umushinwa yaciriwe urwo kwicwa.

Ibihimbazwa

Bahamas: Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.