Accueil > Amakuru > Akahise > 11 Rusama
11 Rusama
jeudi 12 Rusama 2016
Igenekerezo rya 11 Rusama
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
330 : Igisagara ca Constantinople kiba umurwa mkuru w’abaromani.
1867 : Hashirwaako igikumu ku masezerano y’i Londres maze igihugu ca
Luxembourg kibona ukwikukira.
1949 : Igihugu ca Israël cinjira mu muryango w’ibihugu bigize ONU.
2009: Irungika mu kirere ry’ikigendajuru Atlantis riba atangorane.
2010 : David Cameron aba umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.
Yaje asubirira Gordon Brown yari yatanze imihoho inyuma y’iminsi 5 usa
amatora y’abashingamateka abaye.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1984: Andrés Iniesta, umukinyi w’umupira w’amauru akomoka mu gihugu ca Espagne.

1986: Abou Diaby, mukinyi w’umupira w’amaguru afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1960: John Davison Rockefeller Junior, umurwizatunga w’umunyamerika
yatanze kubuntu ikibanza ubu cubatswemo inyubakwa za ONU mu gisagara
ca New York.
1981: Bob Marley, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi rurangiranwa
akomoka muri Jamaika. Yaririmba mu mudiho wa Rege.
Luc Noel Ingabire