IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 13 Rusama

13 Rusama

dimanche 12 Rusama 2013

Igenekerezo rya 13 Rusama ni umunsi ugira 133. Hasigaye iminsi 232
kugira umwaka urangire.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1888 : Itegeko ry’inzahabu rirashirwahomuri Brésil. Iryo tegeko ryari
irikuraho ubuja.

1931 : Paul Doumer atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

1940 : Winston Churchill, umukuru w’igihugu yatwaza umukazo
Ubutariyano avuga ijambo ryamenyekanye cane ati : « Ntakindi mfise
ntanga atari amaraso, ibikorwa bivuna, amarira hamwe n’iyashu ».

1967 : Zakir Hussain, aba umukuru w’igihugu c’Ubuhindi.

1981 : Papa Jean Paul II ahakwa kwicwa n’umusore yiwa Mehmet Ali Agça
. Uno yamurashe urusasurwo mu nda ariko Imana irakinga uwo mu papa
agira 262 ntiyitabimana.

Abazwi cane bavutse kw’igerekerezo nkiri

1655 {{}}: Innocent XIII, umu papa.

1792 : Pie IX, umu papa.

1840 : Alphonse Daudet, umwanditsi w’umufaransa.

1943 : Anne Pingeot, umuhabara wa François Mitterrand uwahoze ari
umukuru w’igihugu.

1950 : Stevie Wonder, umuririmvyi w’umunyamerika.

1961 : Dennis Rodman, umukinyi wa Basket ball w’umunyamerika.

1983: Yaya Touré, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Côte d’Ivoire.

1985: Javier Balboa, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Espagne.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1961: Gary Cooper, umukinyi w’amarerei w’umunyamerika.

1994: Duncan Hamilton, umuhinga muhusiganwa n’imiduga w’umwongereza.

2001: Jason Miller, umukinyi w’amarerei w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

.Équateur: Umunsi w’ukwikura. Ico gihugu kikaba cikuyeko ubukoroni mmu
mwaka w’1830.

. Portugal: Urugendo rweranda rw’abagatorika bagenda berekeza ahitwa i
Notre-Dame de Fátima.

Ivyo bikaba mu kwibuka ubwa mbere aho Bikira Mariya yabonekera
abakirisu murico kibanza.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.