Accueil > Amakuru > Akahise > 14 Ruheshi
14 Ruheshi
mercredi 14 Ruheshi 2017
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1276: Song Duanzong yimikwa kuba umwami w’Ubushinwa.
1777: Inama nshingamateka yo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika zitorako
ibendera yiryo gihugu ari “Star and Strips”.
1846: Havuka Repubrika ya Californie.
1963: Ikigendajuru Vostok 5 kirungikwa mu kirere.
1949: Havuka Leta ya Viêt Nam.
1982: Indwano ya Malouines irarangira. Ingwano yahuza Argentine n’Ubwongereza.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1928: Che Guevara, umurevorisyoneri wo muri Argentine.
1961: Sam Perkins, umukinyi w’urukino rwa Basketball w’umunyamerika.
1969: Steffi Graf, umukinyi w’urukino rwa tennis w’umudagi.
1972: Moustapha Sonko, umukinyi w’urukino rwa handball w’umufaransa.
1976: Massimo Oddo, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umutariyano.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1920: Max Weber, umuhinga muvyimibano w’umudagi.
1946: John Logie Baird, umuhinga wo muri Ecosse. Niwe avugwa ko
yazanye ubuhinga mbw’imboneshakure.
1986: Jorge Luis Borges, umwanditsi akomoka muri Argentine.
1995: Sony Labou Tansi, umwanditsi akomoka muri Congo.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wo gutanga amaraso.
. Leta Zunzubumwe z’Amerika: Umunsi wahariwe ibendera.
. Malawi: Umunsi mukuru wo kwidegevya.
Ingabire Luc Noel