Accueil > Amakuru > Akahise > 16 Mukakaro
16 Mukakaro
mercredi 16 Mukakaro 2014
Igenekerezo rya 16 Mukakaro
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1054: Michel wa 1 Cérulaire arirukanwa mwi dini rya Katorika. Haca havuka idini rishasha rya Schisme y’Ubuseruko.
1809: Igice ca Perou kironka ukwikukira.
1969: Harungikwa mu kirere ikigendajuru Apollo 11.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1194: Claire d’Assise, umweranda wo muri Ekreziya Katorika.
1888: Frederik Zernike, umushakashatsi muri physique akomoka muri Holland yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1953.
1896: Trygve Lie, uwabaye umukuru w’igihugu ca Norvège. Yaranabaye umunyamabanga mukuru wa ONU kuva 1946 gushika 1952.
1919: Choi Kyu-ha, uwabaye umukuru w’igihugu ca Coreya y’Ubumanuko.
1926: Irwin Rose, umuhinga muri biochimie yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu 2004.
1965: Michel Desjoyeaux, umukerarugendo atembera ku biyaga akoresheje ubwato.
1980: Adam Scott, umukinyi wa Golf akomoka muri Austrariya.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1557: Anne de Clèves, umwamikazi w’Ubwongereza, umugore wa 4 w’umwami Herni w’8.
1764: Ivan w’4, umwami w’Uburusiya.
1896: Edmond de Goncourt, umwanditsi w’umufaransa. Afise n’agashimwe kamwitiriwe gahabwa abanditsi (agashimwe kitiriwa Goncourt).
1907: Eugène Poubelle, umufaransa yikorera utwiwe. Niwe yatanguje icitwa « POUBELLE » gitabwamwo imicafu.
1949: Viatcheslav Ivanovitch Ivanov, umuwanditsi w’umurusiya.
1985: Hienrich Böll, umwanditsi w’umudagi yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muvyo kwandika mu 1972.
1994: Julian Schwinger, umushakashatsimuri physique w’umunyamerika yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1965.
1999: John Fitzegerald Kennedy Jr, umuhungu wa John F. Kennedy.
Ibihimbazwa
. Boliviya na Chili: umunsi mukuru w’igihugu. Ni n’umunsi w’akaruhuko.
. Mu Bufaransa: Umunsi mukuru ku rwego rw’igihugu aho hibukwa abahuye n’ubwicanyi bufatiye kurukoba rwabo. Akaba hibukwa ahanini abayahudi bishwe i Paris mu 1942.
Luc Noel Ingabire