Accueil > Amakuru > Akahise > 16 Ruheshi
16 Ruheshi
vendredi 16 Ruheshi 2017
Igenekerezo rya 16 Ruhenshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
1846: Hatorwa Papa Pie w’9.

1858: Mumyiyamamazo mu gisagara ca Springfied muri Leta ya Illlinois,
Abraham Lincoln avuga ijambo ryiwe rurangiranwa “A house divided
against itself cannot stand” ( “Inzu irimwo amacakuubiri ntoshobora
kuguma ihagaze”) . aho yariko avugira abirabure bari bafashwe nk’abaja
muri ico gihe muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1881: Itegeko ryitiriwe Jules Ferry ritanga uburenganzira bwo kwiga
ku buntu mu gihugu c’Ubufaransa.
1897: Hashirwao imikono ku masezerano yo gushira Hawaii mu ma Leta agize
Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1955: Muri Argentine hakomborwa ku nguvu Leta ya Juan Perón.

1976: Muri Afrika y’Epfo haba ubwicanyi bwagahomeramunwa bw’i Soweto.
1960: Muri Leta Zunzubumwe z’Amerika hasohoka ireresi yitwa Psychose
y’uwitwa Alfred Hitchcock.
1961: NASA irungika mu kirere ikigendajuru Discover 25.
1995: Muri Leta Zunzubumwe z’Amerika hasohoka ireresi yitwa Batman Forever.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri
1829: Geronimo, umwami w’aba apalache.
1952: Geórgios Papadréou, umunyepolitike wo mu Bugiriki.
1971: Tupac Shakur batazira 2 Pac, umuririmvyi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri
1722: John Churchill, umusirikare akaba n’umunyapolitike w’umwongereza.
1724: Louise-Élisabeth d’Orléans, umwamikazi wa Espagne.

Ibihimbazwa
. Umunsi wahariwe umwana w’umunyafrika.
. Afrika y’Epfo : Umunsi wahariwe abakiri bato.
Luc-Noel Ingabire