Accueil > Amakuru > Akahise > 20 Ruheshi
20 Ruheshi
lundi 20 Ruheshi 2016
Igenekerezo rya 20 Ruheshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1960: Ukwikukira kwa Mali.
1991: Berlin gisubirakuba umugwa mukuru wa Allemagne yunze ubumwe.
2001: Pervez Musharaff aba umukuru w’igihugu ca Pakistan.
- Pervez Musharaff
2010: Juan Manuel Santos atsindaa amatora y’umukuru w’igihugu aca atwara Colombiya.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1928: Jean Marie Le Pen, munyapolitike w’umufaransa.
1954: Michael Anthony, umucuraranzi w’umunyamerika.
1967: Nicole Kidman, umukinyi w’amareresi akomoka muri Autrariya
- Nicole Kidman
1969: Giovani Lombardi, umunonotsi w’umutariyano yiruka kw’ikinga.
1976: Juliano Haus Belletti, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu igihugu ca Brezile.
1978: Frank Lampard, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umwongereza.
- Frank Lampard
1982: Example,umuririmvyi w’umwongereza aririmba umudiho wa rap.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Uwo munsi ashizweho na ONU kva kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2000.
. Argentine: Umunsi mukuru wahariwe ibendera.
.Érythreya: Umunsi mukuru w’abamaratiri.
.Leta Zunzubumwe z’Amerika: Umunsi wahariwe ikinyobwa cubwoko bita “Soda” hamwe nama “Crème glacée”
Luc-Noël INGABIRE