IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 21 Ruheshi

21 Ruheshi

mercredi 20 Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 21 Ruheshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1529: Umwami Charles Quint atsinda umwami François wa 1 mu ntambara y’i Landriano.

JPEG - 10.8 ko
Charles Quint

1791: Umwami w’Ubufaransa Louis wa 16 arafatwa. Afatirwa i Varennes.
1963: Hatorwa papa mushasha Paul wa 6.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1905: Jean Paul Sartre, umufirozofe akaba n’umwanditsi w’umufaransa.

JPEG - 50.2 ko
Jean Paul Sartre

1921: Jane Russell, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1935: François Sagan, umwanditsi w’umufaransa.
1947: Chirine Ebadi, umushingwamanza wo muri Irani yaronse agashimwe kitiriwe Nobel k’amahoro mu 2003.
1953: Benazir Bhutto, umugore w’umunyapolitike wo muri Pakistani.
1955: Michel Platini, umukinyi rurangiranwa w’umufaransa. Ubu akaba arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Buraya UEFA.

JPEG - 16.9 ko
Michel Platini

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1527: Nicolas Machiavel, umutekamutwe muri Philosophie akomoka i Florence mu Butariyano.

JPEG - 17.7 ko
Nicolas Machiavel

1970: Sukamo, umunyapolitike wo muri Indonneziya yabaye n’umukuru w’igihugu kuva 1945 gushika 1967.

Ibihimbazwa

. Umunsi Mpuzamakungu wo gufasha abari mu ngorane.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe umuziki. Umunsi watanguye guhimbazwa mu 1982 mu Bufaransa.ubu ukaba uri mu bihugu birenga 110.
. Misiri, Libani, Ubuganda: Umunsi mukuru wa se wa muntu.


Luc-Noël INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.