Accueil > Amakuru > Akahise > 22 Ndamukiza
22 Ndamukiza
mardi 21 Ndamukiza 2015
Igenekerezo rya 22 Ndamukiza ni umunsi 112 w’umwaka 2015.Hasigaye iminsi 253 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1073 : Itorwa rya Papa Geregwari w’7.
- Papa Geregwari w’7
1500 : Uwitwa Pedro Alvares Cabral atora ubwa mbere ko igihugu ca Brezire kibaho.
2004 : Muri Koreya y’Uburaruko habaye isanganya rya geriyamoshi mu gisagara citwa Ryongchon. Ryahitanye abantu bagera kw’161 rihitana n’igihande cico gisagara biturutse kuguturika kwakurikiye iryo sanganya.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1451: Isabelle wa 1, umwamikazi w’i Castille na León.
1610: Alexandre w’8, umu papa.
1724: Emmanuel Kant, umudagi w’incabwenga muvyitwa firozofi.
- Emmanuel Kant
1870: Lenine, uwatwaye igihugu c’uburusiya.
1894: Mariano Montes, uwatwaye igihuguca Espanye.
1982: Kaka, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezire.
1985: Camille Lacourt, umunonotsi w’umufaransa murukino rwo gusiganwa mu kwoga mu mazi.
1987: John Obi Mikel,umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Nijeriya.
Davidi Luiz, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezire.
Abitavyimana nko kurino tarike
296: Papa Caïus.
455: Petronius Maximus, umutware w’abaromani.
536: Papa Agapet wa 1.
1933: Henry Royce, umurwizatunga muvyamahinguriro w’umwongereza.
1988: Tchicaya U Tam’si, umwanditsi w’ibitabo akomoka muri Kongo.
1994: Richard Nixon, uwabaye umukuruw’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika kuva mu mwaka w’1969 gushika 1974.
- Richard NIxon
Ibihimbazwa kuriri genekerezo
Umunsi w’isi: uhimbazwa mu bihugu birenga 184 kw’isi.
Brezire: : Dia do Descobrimento do Brasil, umunsi hibukwa itorwa rya Brezire. Itorwaryakozwe na Pedro Alvares Cabral
Ingabire Luc-Noel