Accueil > Amakuru > Akahise > 22 Ruheshi
22 Ruheshi
vendredi 22 Ruheshi 2018
Igenekerezo rya 22 Ruheshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1815: Umwami w’Ubufaransa Napoléon wa 1 aratanga imihoho.
- Napoléon wa 1
1980: Marie Guyard ashirwa mu murwi w’abahirwe mw’ishengero rya Katorika.
Abazwi cane bavuze kw’igenekerezo nkiri
1757: George Vancouver, ingenzi y’umwongereza yaronkeje izinza igisagara co muri Canada ca Vancouver.
- George Vancouver
1888: Selman Waksman, umuhinga muri microbiologie w’umunyamerika. Yaronse agashumwe kitiriwe Nobel u vy’ubuvuzi mu 1952.
1912: Raymonde Allain, uwabaye Miss w’Ubufaransa mu 1927.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1276: Papa Innocent wa 5.
2001: Souad Hosni, umukinyi w’amareresi akomoka muri Misiri.
2008: George Carlin, umukinyi w’ivyese bitwenza akaba n’umwanditsi w’ivyese w’umunyamwerika.
- Goerge Carlin
Ibihimbazwa
. Colombie: Umunsi wahariwe abashingwamanza.
. Croatie : Umunsi wahariwe ukurwanya agacinyizo.
. Ubufaransa: Umunsi w’igihugu wahariwe ukwiyumvira ku vyerekeye ukugaba ibihimba vy’umubiri.
. Salvator: Umunsi wahariwe abigisha.
Luc-Noël INGABIRE